Umushingamateka wa Kenya Jaguar yatawe muri yombi inyuma y'amajambo y’urwanko ku banyamahanga

Charles Njagua Kanyi yavuze ku bantu bava muri Tanzaniya, Uganda n'Ubushinwa Uwufise ububasha kw’isanamu Citizen TV
Image caption Charles Njagua Kanyi yavuze ku bantu bava muri Tanzaniya, Uganda n'Ubushinwa

Umushingamateka wo muri Kenya yahagaritswe inyuma y'amajambo yashikirije avuga ko abanyamahanga bakorera ku mugwa mukuru Nairobi bohagarika ibikorwa vyabo bagasubira iwabo.

Uumshingamateka Charles Njagua Kanyi asanzwe kandi ari n'umunyamuziki azwi kw'izina rya Jaguar, yatowe mu karere ka Starehe mu gisagara ca Nairobi, akaba yahagaritswe avuye mu nama.

Mw'ireresi yahanahanywe ku mbuga hwaniro, Charles Njagua Kanyi yavuze ati: "Uravye mu masoko yacu, Abatanzaniya n'Abaganda barifatiye urudandaza rwacu. Turarambiwe. Mu gihe twobaha amasaha 24 ntibagende, twobakubita kandi nta n'umwe dutinya".

Leta ya Kenya iramirira kure ayo majambo.

Muri iyo reresi, uyo mushingamateka yatowe mu mugambwe Jubilee party uri ku butegetsi, yaravuze ku banyamahanga bava mu bihugu vya Tanzaniya, Uganda n'Ubushinwa.

Yasubiyemwo ati: "Turarambiwe", abanyagihugu bari bamukikije nabo bakoma amashi.

Akarere ka Starehe uyo mushingamateka yatowemwo karimwo isoko rinini rya Gikomba, aho bamwe mu badandaza ba Kenya bagize iminsi bidoga ko bavogerewe n'abadandaza b'abashinwa bakora bidaciye mu mategeko.

Mu ntango za kuno kwezi, leta yarirukanye Abashinwa batandatu basanze bakora badafise impapuro z'ukuri zibaha uburenganzira bw'ugukorera muri ico gihugu.

Bwana Kanyi yavuze ati: "Ntituriko tuvuga abo bashinwa batandatu, tuvuga abantu baharurwa mu majana baza gukorera hano".

Mw'itangazo ryasohowe, leta imenyesha ko yiyamirije "bikomeye" ayo majambo yashikirijwe n'umushingamateka Kanyi.

Iryo tangazo rivuga kandi riti: " Abanyagihugu ba Kenya ni abantu bakundana bamaze imyaka myinshi babana neza n'abandi bava mu bihugu bitandukanye. Iki ni akaranga kaduha iteka nk'igihugu kandi dushaka kugakomeza".

Leta kandi irashimangira ko abanyamahanga bose bipfuza gukorera ibikorwa vyabo mu gihugu umutekano wabo uzokwubahirizwa.

Eka n'abanyagihugu basanzwe batari bake nabo nyene baragize ico babivugako.

Mu nyishu zahanahanywe kuri WhatsApp, umunyagihugu w'umunda yavuze ati: "Uyo mushingamateka ariko akokeza urwanko ku banyamahanga…arakeneye gutembera mu bindi bihugu kugira ngo yirabire ingene Abakenya bariko bakorera ibikorwa vyabo mu karere no mu bindi bihugu vyo kw'isi".

Tanzaniya isaba abanyagihugu gushira umutima mu nda

Amajambo yashikirijwe n'uyo mushingamateka wa Kenya ntiyashimishije abategetsi b'igihugu kibanyi ca Tanzaniya, aho umushikiranganji wa mbere Kassim Majaliwa yatumyeko uwuserukira Kenya muri ico gihugu, Dan Kazungu, kugira atange insiguro.

Ico kibazo kikaba cavuzwe no mu nama nshingamateka, aho umushingamateka Freeman Mbowe yagabishije ko ayo majambo atari ayo gufata minenerwe.

"Urwanko ku banyamahanga rutegerezwa kwiyamirizwa. Turamaze kubona ingaruka mbi y'ikintu nk'ico muri Afrika y'Epfo aho abantu bacu bishwe".

Ku ruhande rwiwe, Job Yustino Ndugai arongoye inama nshingamateka ya Tanzania, yavuze ati "Ari nka hamwe hogira umutanzania akubitwa, abakenya bazotubonera hariya turiko dusangira icayi", bivuga ko abatanzania bazogenda kwihora.

Inyuma y'umubonano hagati y'umushikiranganji wa mbere wa Tanzania n'uwuserukira Kenya muri ico gihugu, Kassim Majaliwa yahumurije abatanzania.

Yishura kuri ico kibazo kandi atekanye imbere y'inama nshingamateka, Bwana Majaliwa yasavye abanyagihugu gushira umutima mu nda, anashimangira ko imigenderanire iri hagati y'ivyo bihugu vyompi kuva kera idashobora guhungabanywa n'amajambo y'umuntu yavuze ku giti ciwe.

Yavuze ati: "Uwuserukira Kenya muri Tanzaniya yabeshuje ayo majambo, akaba yatubwiye ko atariho Kenya ihagaze, kandi ko atari umugambi wa leta canke w'abanyagihugu ba Kenya, ariko ko ari amajambo yiwe bwite".

Ibindi bisa n’ibi