Koreya ya Ruguru ivuga ko Amerika ishira imbere agasotoro

Donald Trump na Kim Jong-un bahuriye vy'imbonekarimwe mu karere kagabura ibihugu bibiri vya Koreya gasanzwe gacungerewe bikomeye Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Donald Trump na Kim Jong-un bahuriye vy'imbonekarimwe mu karere kagabura ibihugu bibiri vya Koreya gasanzwe gacungerewe bikomeye

Koreya ya Ruguru yagiriza Leta Zunze Ubumwe za Amerika ko "zishira imbere ibikorwa vy'ugusotorana", n'aho mu minsi iheze ivyo bihugu vyompi vyari vyumvikanye ko bigiye gusubira gutangura ibiganiro.

Ejo ku munsi wa gatatu, intumwa za Koreya ya ruguru mw'ishirahamwe ONU zavuze ko Amerika "ishira imbere cane ibihano".

Ivyo bivuzwe inyuma y'aho mu minsi iheze abategetsi b'ivyo bihugu bahuriye vy'imbonekarimwe mu karere kagabura ibihugu bibiri vya Koreya (iy'Epfo n'iya Ruguru) gasanzwe gacungerewe bikomeye.

Uwo mubonano watumye Donald Trump aba umukuru w'igihugu wa mbere wa Amerika ahonyoje ikirenge ku butaka kwa Koreya ya Ruguru.

Inyuma y'ibiganiro vyamaze hafi isaha, abo bategetsi babiri bumvikanye ko bashinga imirwi yotanguza ibiganiro vyahagaze, ku vyerekeye umugambi wo guhagarika umugambi wa Koreya ya Ruguru w'uguhingura ibirwanisho vy'ubumara.

Ariko, iri tangazo ry'igihugu ca Koreya ya Ruguru ritumye ibintu bisubira mu gihe c'uguterana amajambo, vyononye imigenderanire hagati y'ivyo bihugu bibiri mu bihe biheze.

Koreya ya Ruguru yagiriza kandi Amerika ko "iriko iburabuza amahoro" hagati y'ibihugu vya Koreya.

Koreya ya Ruguru yavuze iki?

Intumwa za Koreya ya Ruguru zivuga ko zariko zishura ku birego vya Amerika ko igihugu cabo carenze ku rugero rw'igitoro cemerewe kwinjiza mu gihugu nk'uko vyumvikanyweko mu mwaka wa 2017.

Zivuga kandi ko zariko zishura kw'ikete ryanditswe na Amerika, Ubufaransa, Ubudagi n'Ubwongereza rikarungikirwa ibihugu vyose vya ONU risaba ko Koreya ya Ruguru ifatirwa ibindi bihano.

Amakuru avuga ko iryo kete ryasaba ibihugu vyose kwirukana abakozi bose bakomoka muri ico gihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA/Getty

Iryo tangazo rya Koreya ya Ruguru rivuga riti: "Ntimwibagire ko uwo mukino w'amakete wabaye ...kuri urya munsi nyene Perezida Trump yasaba umubonano".

"Ivyo vyerekana ko Leta Zunze Ubumwe za Amerika zirajwe ishinga cane n'ibikorwa vy'ugusotora Koreya ya Ruguru".

"Ibihugu vyose vya ONU bitegerezwa gushinga ijisho ku migambi ya Amerika y'uguhungabanya amahoro asasagaye mu bihugu vya Koreya".

Koreya ya Ruguru ivuga kandi ko "biteye isoni" kubona Amerika yama ibona ko ibihano ariwo "muti w'ingorane zose".

Leta Zunze Ubumwe za Amerika ntiziragira ico zishikirije kuri iryo tangazo.