Ni gute abakinyi b'ibihangange nka Boris Becker batakaza amahera yabo?

Boris Becker yegeranije imiliyoni zirenga 25 z'amadolari yahabwa nk'agashimwe igihe yari agikina Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Boris Becker yegeranije imiliyoni zirenga 25 z'amadolari yahabwa nk'agashimwe igihe yari agikina

Mu ntango z'uno mwaka uwigeze kuba rurangiranwa mu mukino wa tennis, Boris Becker, yaratsinzwe mu rubanza aho yariko agerageza guhagarika igurishwa icamunara ry'ibikombe yatsindiye - bikaba vyitezwe ko bizogurishwa ku wa kane w'iyi ndwi igenekerezo rya 11 z'uku kw'indwi mu gisagara ca Londres

Ivyibutso bifise agaciro k'ibihumbi 250 vy'amadorari vyegukira ico gihagange c'umudagi bigiye kugurishwa icamunara kugira ngo bifashe kuriha amadeni arenga imiliyoni 80 z'amadorari.

Ibikombe, imidari n'imyambaro yatsindiye muri Replica Wimbledon, US Open na Davis Cup, vyose biriko biragurishwa.

Ikukuruka

Ariko Becker si we munonotsi wenyene w'igihangange agize ibibazo vy'amahera: hariho ayandi mazina y'ibihangange nk'umukinyi w'umupira w'amaguru Diego Maradona, umukubitanangumu Mike Tyson umukinyi wa golf John Daly, n'abandi benshi, bahuye n'ingorane z'ubukene.

Uwufise ububasha kw’isanamu Wyles and Hardy
Image caption Ibikombe vya Boris Becker biri ku camunara i Londres

Bafise ikintu kimwe bose bahuriyeko: gusekeza amazi iyo bakukurutse.

Kuja mu buzima busanzwe ni ikintu kigoye ku banonotsi mu bice vyinshi, harimwo kubungabunga amagara yabo y'umubiri n'umutwe.

Ubuzima buzimvye

Mu 2009, ikinyamakuru Sports Illustrated co muri Amerika cerekanye ibiharuro biteye ubwoba ku ngorane zihanze abanonotsi bakukurutse: hafi ibice 60% y'abakinyi ba basketball bahomvye mu myaka itanu inyuma y'aho bamanikiye ibirato.

Mu bakinyi b'umupira w'amaguru wa Amerika (football américain) hoho ingorane zirarenze: Ibice hafi 80% bagiye kugwa mu ruhombo haciye imyaka ibiri bakukurutse.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption John Arne Riise yaguye mu ruhombo mu mwaka wa 2007 igihe yari agikinira Liverpool

Mu Bwongereza, ishirahamwe XPro ryamenyesheje mu muwaka wa 2013 ko 3/5 vy'abakinyi b'ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza (English Premier League) bagwa mu ruhombo mu myaka itanu kuva bakukurutse.

Ishirahamwe ry'abakinyi b'umupira w'amaguru (Professional Footballer's Association) ryo rivuga ko ibitigiri biri hasi, hagati y'ibice 10% na 20%.

Uravye ingene abanonotsi b'ibihangange binjiza amafaranga menshi cane muri iyo mikino - umukinyi asanzwe wo muri Premier League aronka imiliyoni zirenga 3.3 z'amadolari ku mwaka - biratangaje kwumva ko bashobora kwinjira mu bukene ku rugero nk'urwo iyo bakukurutse.

Ariko igitangaje, ni uko bashobora kugira izo ngorane mu gihe nyene bagikina.

Umukinyi w'inyuma w'umunya Norvege, John Arne Riise, yatsindiye igikombe c'imirwi yabaye iya mbere i Bulaya (Champions League) mu 2005 igihe yakina na Liverpool, sentare yo mu Bwongereza yatangaje ko yaguye mu ruhombo mu mwaka 2007.

Ico gihe, yahembwa amahera yangana hafi ibihumbi 62 vy'amadolari ku ndwi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mike Tyson yegeranije amahera menshi cane ariko kandi akoresha menshi cane

Hagati aho, abihweza ibintu n'ibindi bavuga ko ibintu bidatangaje cane.

Chris Dudley, yigeze kuba umukinyi wa basketball ubu akaba ari umuhanuzi ku banonotsi ku vyerekeye ingene bobungabunga ubutunzi bwabo, yanditse ku rubuga ngurukanabumenyi rwa televiziyo CNBC yo muri Amerika ati .

"Mu gihe imishahara y'abanonotsi usanga ari minini, niko usanga n'abakeneye kubeshwaho nabo n'ubutunzi bwabo ari benshi. Ukuri ni uko abanonotsi bahangwa amaso kuva igihe batereye ibikumu ku masezerano".

Akazi k'igihe gito

Dudley yongeyeko ati: "Mu kiringo c'imyaka 16 namaze nkina, nagiye mbona bagenzanje bagiye bahomba ibintu vyabo vyose haciye imyaka mike gusa bakukurutse bivuye ku biharuro bibi n'ababahenda, abahanuzi babi canke batabifitiye ubumenyi, canke kubera ugusesagura."

Ibibazo vy'ubukene bw'amafaranga bishikira uwo ari we wese, ariko bikunyuka cane ku banonotsi.

Bakora igihe gito ugereranije n'abandi bakozi, kubera ari gake akazi gashobora kumara igihe kirekire - kandi gashobora n'uguhagarara kubera ibibazo vy'indwara.

"Ni akazi k'igihe gito, mu gihe utwo waziganije dutegerezwa kugutunga ubuzima bwawe bwose. Kugira ngo umuntu ashobore kurengeza izo ngorane bisaba gukora cane n'ukwitonda cane".

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Maradona yatanze ikiganiro kuri televiziyo ya Argentine amenyesha ko yaguye mu ruhombo

Amahirwe ni make ku bahoze ari abanonotsi kugira ngo amazina yabo akoreshwe mu kumenyekanisha ibidandazwa canke ngo bakoreshwe mu bimenyeshamakuru.

Hanyuma kandi uguhindura akazi birashobora kwanka kubera ata bumenyi baba bafise.

Nk'akarorero, ni abakinyi bake cane usanga bafise impamyabushobozi za kaminuza, ni mu gihe nko mu bihugu bimwe bimwe nka za Brezili usanga batanarangiza n'amashure yisumbuye - Neymar, umukinyi wa mbere azimvye kw'isi muri kino gihe, akaba ari akarorero.

Ibiyayuramutwe, ukwahukana, agasho

Ibibazo vy'umuntu navyo birashobora gutuma ahomba. Abanonotsi barashobora guhangana n'ibibazo vy'ukunywa ibiyayuramutwe - ugushwana ikaba ari ingorane imaze kwibonekeza iyo umuntu aguye mu ruhombo.

Kwizizirwa n'ibiyayuramutwe nivyo vyatumye Maradona agwa mu ruhombo - mu mwaka wa 2010 yari afise ideni ringana na miliyoni 30 z'amadolari yari afitiye abategetsi b'Ubutaliyano kubera amakori atarishe.

Iyindi ngorane ikaba ari kugiriranira ibibazo n'ubutungane.

Mike Tyson ni akarorero nyako kuri iki: igihe amenyesha ko yaguye mu ruhombo mu mwaka 2003, yari amaze gupfungwa incuro zibiri yagirizwa ivyo gufata ku nguvu.

Hariho kandi n'ibibazo vy'umuryango: hampande y'uruhombo yagize mu bikorwa vy'ukwisununura yageragereje mu vy'amazu i Dubai n'igitoro muri Nijeriya, Boris Becker yatsinzwe kenshi mu manza z'ukwahukana, ivyamugiriye ingaruka mbi.

Mu myaka yose yamaze akina tennis, Becker yegeranije imiliyoni 25 z'amadolari yahabwa nk'ubushimwe gusa iyo atsinze mu mahiganwa nka za Wimbledon na US Open.

Yari afise vyinshi atakaza.