Interbank Burundi yagirizwa kurekura amahera $1.500.000 yo gufasha imirwi y'abarwanyi

Ibiro vya Interbank Burundi Uwufise ububasha kw’isanamu interbankbdi.com

Ubushikirizamanza bw'Uburundi buragiriza ibanki Interbank Burundi ko yoba ifasha mu buryo bw'amafaranga imirwi ihungabanya umutekano w'igihugu.

Ni inyuma y'aho abakozi b'ishami ry'ibanki Trust Merchant Bank riri Uvira muri Kongo bafatanywe amahera angana na 1.500.000 y'amadolari kw'ibarabara Bujumbura-Katumba mu ndwi iheze.

Interbank Burundi yamirira kure ivyo yagirizwa.

Mu rubanza rw''ikibiriraho rwabaye ejo ku munsi wa gatatu muri sentare y'iyungururizo ya Mukaza i Bujumbura, umushingwamanza yaragirije Interbank ko iriko ihungabanya ubutunzi bw'igihugu mu bikorwa vy'uguhanahana amafaranga y'agaciro na Trust Merchant Bank.

Interbank Burundi yagirizwa ko ihonyanga amategeko yashinzwe n'ibanki nkuru y'igihugu ku biraba ikoreshwa ry'amafaranga y'agaciro mu gihugu.

Ubushikirizamanza buvuga ko amakuru bufise yerekana ko amahera yafatiwe mu Gatumba yoba yari agiye gufasha imirwi yitwaje ibirwanisho iri mu gihugu ca Kongo, ariko ko ari amakuru bagitohoza.

Busaba ko iyo banki yotangishwa ihadabu y'imiliyaridi 44, ikongera igatanga n'indishi y'akababaro ingana n'imiliyaridi 50 z'amafaranga y'amarundi yohabwa leta y'Uburundi.

Interbank Burundi irahakana ivyo birego, ikavuga ko igikorwa cayo ari kuba umuhuza hagati y'ibanki Trust Merchant Bank isanzwe iri i Kinshasa n'ishami ryayo riri Uvira.

Ivuga ko ari igikorwa yari isanzwe ikora kuva mu mwaka wa 2014.

Nayo kuvyo yagirizwa ko ihungabanya ubutunzi bw'igihugu, abunganirizi ba Interbank Burundi muvyo amategeko barabihakana, bakavuga ahubwo ko ivyo bituma igihugu kironka amafaranga y'agaciro.

Vyitezwe ko urubanza ruzosomwa mu kiringo kitarenze iminsi cumi.

Ibindi bisa n’ibi