Impunzi z’Abarundi muri Tanzania ‘zibwirwa ko zishobora guhungurwa ku nguvu’

Zimwe mu mpunzi z'Abarundi ziri muri Tanzania Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Zimwe mu mpunzi z'Abarundi ziri muri Tanzania

Impunzi z'abarundi ziri muri Tanzaniya zivuga ko zabwiwe ko hari umugambi wo kuzihungura ku nguvu, kandi zitizeye umutekano mu gihe zosubizwa mu Burundi.

Bamwe mu mpunzi zo mu nkambi ya Nyarugusu iri mu ntara ya Kigoma babwiye BBC ko bakoreshejwe inama n'umukuru w'ikambi ku wa 04 z'uku kwezi kw'indwi akababwira ko ata kamaro ko kuguma mu buhungiro kuko mu Burundi ari amahoro.

Ishirahamwe rijejwe impunzi kw'isi rivuga ko Tanzania ihaye indaro impunzi zirenga 200 000 z'abarundi. Aba bagizwe ahanini n'abahunze uruhagarara rwo mu 2015 mu Burundi.

Mu majwi yafatiwe muri iyi nama mw'ikambi ya Nyarugusu, umuyobozi w'iyi kambi, Jumanne Singani, yumvikana avuga ko izi mpunzi zatumye umutekano w'abanyagihugu ba Tanzaniya uhungabana, ku buryo batinya n'ugufata ingendo.

Yibutsa izi mpunzi ko hariho inyishu zitatu ku kibazo c'impunzi: guhunguka ku gushaka kwabo, guhabwa ubwenegihugu canke kurondererwa ubuhungiro mu kindi gihugu.

Muri buno buryo butatu, Bwana Singani yababwiye ko inyishu ku mpunzi z'Abarundi ziri muri Tanzaniya ubu ari uko zitegerezwa guhunguka.

Yavuze ati: "Turavye ingene ibintu bimeze ubu, ikiriho ni uko muhunguka kuko mu Burundi amahoro arasasagaye".

Yabwiye impunzi kandi ko hari n'uburyo butatu bwo guhunguka.

Ati:"Ubwa mbere ni guhunguka ku gushaka kwanyu, ubwa kabiri guhunguka muhimirijwe (promoted repatriation), ubwa gatatu guhunguka hakoreshejwe inguvu".

Bwana Singani yumvikana abwira izi mpunzi z'abarundi ko vyoba vyiza bahungutse ku gushaka kwabo, batarindiriye ko hakoreshwa inguvu.

Mu 2012, impunzi z'Abarundi zari mw'ikambi ya Mtabila iri muri District ya Kasulu intara ya Kigoma, barahunguwe ku nguvu.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Impunzi zitari nke ziramaze gutahuka mu Burundi

Uyu muyobozi w'ikambi yabwiye impunzi ko ingingo yo kubahungura yafashwe inyuma y'inama yahuje abategetsi ba Tanzaniya, b'Uburundi n'ishirahamwe HCR rijejwe impunzi.

Tumubajije kuri ibi yabwiye impunzi, Bwana Singani yabwiye BBC ko ataco yobivugako, adusaba kuvugisha abakoresha biwe, ubushinkiranganji bw'intwaro yo hagati ari nabwo bujejwe impunzi muri Tanzania.

Umwe mu mpunzi atashatse gutangazwa, avuga ko bama baterwa ubwoba iyo bariko basabwa gutahuka, mu "gufatira ku vyabaye mu 2012 ku mpunzi zari mw'ikambi ya Mtabila, no ku mpunzi z'abanyarwanda muri Kagera (1996)".

Ati: "Iyo badukoranije mu manama, nta bindi batwibutsa atari ivyo, kuko basanze umengo ni akanyegeri gahonyowe ntihagire ikintu na kimwe gikorwa".

Asaba amakungu ko amategeko agenga impunzi yokurikizwa bagakingirwa.

Guhungurwa ku nguvu ngo ntavyo

Kuri ibi vyabwiwe izi mpunzi, ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati muri Tanzaniya buvuga ko ata mugambi leta y'ico gihugu ifise wo kubahungura ku nguvu.

Umupfasoni Christina Mwangosi, umuvugizi mfatakibanza w'ubwo bushikiranganji yabwiye BBC ati: "Leta ya Tanzaniya ifasha impunzi ziyandikishije gusubira mu bihugu vyabo.

"Nico conyene gikorwa na leta ya Tanzaniya, igihari ni uko impunzi zihunguka ku gushaka kwazo".

Impunzi z'Abarundi muri Tanzania ziba mu makambi ya Nyarugusu mu karere ka Kasulu, Nduta na Mtendeli mu karere ka Kibondo, ni mu ntara ya Kigoma.