Abantu barenga 26 bishwe mu gitero cakozwe kw'ihoteri muri Somalia

Abarwanyi ba Al-Shabab babandanya bakora ibitero vy'ubwihevyi kuva mu myaka iheze Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abarwanyi ba Al-Shabab babandanya bakora ibitero vy'ubwihevyi kuva mu myaka iheze

Abantu bashika 26 baraye bishwe mu gitero cakozwe kw'ihoteri yo mu gisagara ca Kismayo mu bumanuko bwa Somalia.

Muri ico gitero c'ubwihevyi, imodoka yari yuzuye amabombe yisutse kw'ihoteri yitwa Asasey iri ku kivuko ca Kismayo ica iraturika. Abitwaje ibirwanisho baciye bitera muri iyo hoteri.

Mu bishwe hakaba harimwo umunyamakuru w'umunya Canada afise amamuko yo muri ico gihugu ca Somalia, Hodan Naleyah, n'umugabo wiwe, hamwe n'abanyamahanga.

Umuhari Al-Shabab ugendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Islamu niwo wiyitiriye ico gitero.

Igihe ico gitero kiba, harimwo abanyepolitike n'abaserukira imiryango (chefs traditionnels) bari muri iyo hoteri baganira ku vyerekeye amatora y'akarere yimirije.

Ababibonye bavuga ko amasasu yumvikanye muri iyo hoteri inyuma y'aho iyo modoka yuzuye amabombe iturikiye.

Hussein Muktar, umwe mu babonye ivyabaye avuga ati: "Hariyo uruhagarara mw'ihoteri, nabonye imivyimba myinshi yariko itwarwa, abantu nabo bahunga mu mazu yegereye iyo hoteri".

Umwe mu bakuru b'inzego z'umutekano, Abdi Dhuhul, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko mu bapfuye harimwo uwahoze ari umushikiranganji w'ubutegetsi bw'igihugu, hamwe n'umushingamateka.

Ababibonye bavuga kandi ko mu bapfuye harimwo uwariko yitegurira guhiganirwa kurongora intara ya Jubaland.

Abategetsi bavuga kandi ko mu bapfuye harimwo abanyakenya batatu, abatanzaniya batatu nyene, abanyamerika babiri hamwe n'umwongereza umwe.

Abajejwe umutekano muri ico gisagara ca Kismayo bavuga ko basubije ibintu mu buryo.

Abategetsi bamenyesheje ko bane muri abo bari bitwaje ibirwanisho bishwe.

Image caption Ihoteri Hoteli Asasey yarononekaye muri ico gitero c'ubwihevyi

Ico gitero catanguye n'imodoka yuzuye ibibombe yaturitse yisutse kuri iyo hoteri camaze amasaha atari make, aho abajejwe umutekano babandanije bahanganye n'abitwaje ibirwanisho bari biteye muri yo gushika mu gaturuturu k'uno wa gatandatu.

Uwo muhari Al-Shabab warirukanywe mu gisagara ca Kismayo mu mwaka wa 2012, kuva ico gihe kikaba carangwamwo umutekano.

Abarwanyi b'uwo muhari kandi bakaba babandanya bakora ibitero ku mugwa mukuru Mogadishu, n'aho usanzwe ucungerewe bikomeye n'ingabo z'umuryango wa Afrika bagiye gufasha kugarukana amahoro uri ico gihugu

Ibindi bisa n’ibi