Amakuru yagizwe ibanga avuga ko Trump yivumbuye mu masezerano na Irani mu kwankiriza Obama

Mail on Sunday kivuga ko Donald Trump (i bubamfu) yivumbuye mu masezerano na Irani kugira yankirize Barack Obama (i buryo)
Image caption Mail on Sunday kivuga ko Donald Trump (i bubamfu) yivumbuye mu masezerano na Irani kugira yankirize Barack Obama (i buryo)

Perezida Donald Trump wa Amerika yivumbuye mu masezerano hagati ya Irani n'amahanga kugira yankirize Barack Obama, nk'uko vyanditswe n'uwahoze aserukira Ubwongereza muri ico gihugu.

Muri ubwo butumwa bwari bwagizwe ibanga, Sir Kim Darroch yavuga ko iyo ngingo ya Bwana Trump yashobora "gusambura imigenderanire", nk'uko vyanditswe n'ikinyamakuu Mail on Sunday co mu Bwongereza.

Ico kinyamakuru kivuga ko ubwo butumwa bwanditswe inyuma y'urugendo rw'uwahoze ari umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubwongereza muri Amerika, Boris Johnson, mu mwaka wa 2018, ayisaba ko itokwidohora muri ayo masezerano.

Muri ayo masezerano, Irani yari yemeye kugabanya ibikorwa vyayo vyerekeye guhingura ubutare bw'ubumara.

Ayo masezerano kandi yemerera ko abagenzuzi mpuzamakungu kwinjira muri Irani, hanyuma nayo igakurwako ibihano vy'ubutunzi yafatiwe, bisanzwe bifise ingaruka mbi ku butunzi bwaco.

Ariko, Perezida Trump wewe avuga ko ayo masezerano ku vyerekeye umugambi wa Irani w'uguhingura ubutare bw'ubumara atamushikije aho yipfuza.

Ico kinyamakuru kivuga ko inyuma y'aho Bwana Johnson asubiriye mu Bwongereza, Sir Kim yanditse avuga ko Perezida Trump yasa n'uko yariko yiyonkora muri ayo masezerano ku "bibazo vyiwe bwite".

Avuga ko igituma conyene kwari kubera yari yateweko igikumu n'uwo yasubiriye, uyo nawe akaba ari Barack Obama.

Uyo muserukizi w'Ubwongereza muri Amerika avugwa ko yerekanye ukutumvikana kwari hagati y'abahanuzi ba Perezida, kandi ko n'abakozi bo mu biro vy'umukuru w'igihugu Maison Blanche batabona ico bokora inyuma y'ukwiyonkora muri ayo masezerano.

Aya makuru agiye kumenyekana inyuma y'aho ibiro vy'igipolisi bigabishirije ibimenyeshamakuru ku bijanye n'amakuru y'ibanga yo mu gisata c'imigenderanire.

Ivyo biro bigabisha ko abamenyeshamakuru bazosohora ibijanye n'ubwo butumwa bw'uyo yahora aserukira Ubwongereza muri Amerika bashobora gusanga bariko barenga amategeko ajanye n'ibiraba amabanga y'igihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/PA Media
Image caption Bwana Trump yari yavuze ko atari gushobora kubandanya akonana na Sir Kim Darroch (i buryo)

Haciye indwi amakuru y'ibanga ya mbere atanguye gusohoka, aho uyo yahora aserukira Ubwongereza muri Amerika yavuga ko ubutegetsi bwa Trump ataco bushoboye.

Ayo makuru yatumye Bwana Trump aterwa n'agashavu, avuga ko Sir Kim "ari ikijuju ruhebwa" kandi ko atari gusubira gukorana nawe.

Ibintu ntivyoroshe kuri uyo muserukizi gushika aho vyabaye ngombwa ko atanga imihoho ku munsi wa gatatu, avuga ko "bitamushobokera" ko abandanya amabanga yiwe.

Leta y'Ubwongreza yaciye itangura amatohoza kugira ngo imenye uwatanze ayo makuru.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire y'Ubwongereza avuga ko uwatanze ayo makuru azobona ingaruka yavyo.

Ku ruhande rw'ico kinyamakuru, umuvugizi waco avuga ko ayo makuru yatangajwe ku neza y'abanyagihugu, mbere ko yerekana neza utwigoro tw'Ubwongereza mu kugerageza kwumvisha Perezida Trump ko atokwiyonkora muri ayo masezerano.