SOS Méditerranée itabara abimukira mu nyanja yasubiye gukora

Abimukira bariko baratabarwa n'ubwatoMigrants are picked up by the Aquarius on 9 June 2018 Uwufise ububasha kw’isanamu KARPOV/SOS MEDITERRANEE
Image caption Abimukira bafata urugendo rw'amazi kenshi bagenda mu bwato bubi kandi bwuzuye cane

Ishirahamwe ry'abagiraneza ritabara abimukira bahura n'ibibazo mu nyanja, SOS Méditerranée, ryasubiye gukorera hafi y'inkengero za Libya n'ubwato bushasha nyuma y'aho ubwo ryahorana buhagarikiwe n'amaleta ya Buraya.

Ubwato bushasha bw'iryo shirahamwe bwitwa Ocean Viking, buriko ibendera ry'igihugu ca Norvege.

Abantu 31 babukoramwo barimwo abaganga icenda bo mw'ishirahamwe bikorana, Medecins Sans Frontières (MSF).

SOS Méditerranée ryahagaritse ibikorwa vy'ubwato bwa mbere bwitwa Aquarius, bumaze kwankirwa kwinjira mu Butariyano.

Ibihumbi vy'abimukira bagerageza kujabuka ikiyaga Mediterane bashaka kuja i Buraya buri mwaka, kandi Libya niho hantu nyamukuru bahagurukira.

Abafata urwo rugendo kenshi bagenda nabi mu bwato bubi cane kandi bwuzuye ku buryo benshi bapfa badashitse.

Ariko kuva hagati y'umwaka wa 2017, igtigiri c'abimukira bafata urwo rugendo caragabanutse.

Kugabanuka kwabo vyatewe ahanini n'utwigoro twa leta y'Ubutaliyano hamwe n'ibindi ihugu vya Buraya vyahimirije Libya kubuza abimukira kujabuka Mediterane - ariko iyo ngingo yariyamirijwe n'amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Ubu bwato bwitwa "Alex" bwari bwahagaritswe ku cyambu cya Lampedusa mu Butaliyani

Uwafashije gushinga ishirahamwe SOS Méditerranée, Sophie Beau, yabariye BBC ko ata bwato bwo gutabara na bumwe kuri ubu bukorera muri ako karere, kandi amashirahamwe y'abagiraneza nta kundi yari kubigenza.

Yabandanije ati: "Twatanguje SOS Méditerranée mu 2015. Kuva ico gihe twarashoboye gutabara abantu 30.000 ariko hari abandi benshi batabawe n'ayandi mato, harimwo n'aya gisirikare.

"Ariko kuri ubu ni nk'aho ata batabazi bahari. Rero twebwe nk'abasivile, dukora ivyo dushoboye iyo amaleta yananiwe. Ntibihagije ariko turashobora kubikora, kandi turabikora."

Yongeyeko yuko amategeko mpuzamakungu agenga inzuzi ashigikiye igikorwa cabo ku ngingo y'uko gukiza ubuzima bw'abantu birengeye imvo za politike.

Mu kwezi kwa mbere, icegeranyo ca ONU cavuze ko abimukira batandatu bapfuye buri munsi bagerageza kujabuka Mediterane mu 2018.

Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe abimukira rivuga ko n'imiburiburi abantu 426 bapfuye muri uno mwaka bagerageza kujabuka Mediterane.