Umushikiranji w'amagara muri Kongo yasezeye kubera ukutumvikana mu kurwanya Ebola

Olly Illunga Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Uwari umushikiranganji w'amagara, Olly Illunga, avuga ko ababajwe n'ukwivanga mu gikorwa co kurwanya ebola

Umushikiranganji ajejwe amagara muri Republika ya Demokrasi ya Kongo yatanze imihoho mu kwiyamiriza ingingo ya leta yo mu ndwi iheze yo kwifatira mu minwe kurwanya ebola mu buseruko.

Olly Ilunga yanditse ikete ryo gutanga imihoho aho yavuze yuko hari ukwivanga gukabije mu gutunganya ibikorwa vyo guhangana n'iki kiza, ca kabiri muri kahise kimaze guhitana benshi.

Yiyamirije kandi igitsure co hanze catumye hakoreshwa urikingo rwa kabiri rwa Ebola rukigeragezwa, kandi yari yasavye ko rutokoreshwa.

Kuva mu kwezi kw'umunani abantu barenga igihumbi n'amajana indwi baramaze kuhasiga ubuzima.

Mu ndwi iheze ishirahamwe rijejwe amagara kw'isi, OMS, ryavuze ko ico kiza ubu kimaze gufatwa nk'ikibazo mpuzamakungu.

Ibindi kuri iyi nkuru