Ronaldo ntazokurikiranwa ku caha co "gufata ku nguvu"

Cristiano Ronaldo Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Rurangiranwa mu mupira w'amaguru, Cristiano Ronaldo, ntazokurikiranwa nyuma yo kwagirizwa guhohotera bifatiye ku gitsina, nk'uko bitangazwa n'abashinjacaha muri Amerika.

Kathryn Mayorga w'imyaka 34, yari yavuze ko uwo mukinyi wa Juventus yamusambanije ku nguvu mw'ihoteri i Las Vegas mu 2009.

Bivugwa ko yashitse ku mwumvikano udaciye muri sentare n'uwo rurangiranwa wo muri Portugal mu 2010, ariko asaba ko urubanza rwosubira kwugururwa mu 2018. Ronaldo ahakana ivyo yagirizwa.

Mu rwandiko rwasohowe kuwa mbere, abashinjacaha b'i Las Vegas bavuze ko ivyo uwo mugore avuga "bidashobora kwemezwa ata gukekeranya."

Umwanditsi wa sentare yavuze ko uwo arega yavuze ko yahotewe mu 2009, ariko yanka kuvuga aho vyabereye canke uwamuhohoteye uwo ari we.

Ngo ku bw'izo mvo rero igipolisi nticashoboye "gukora itohoza iryo ari ryo ryose ryogira ishingiro."

Mu kwezi kw'umunani 2018, igipolisi c'i Las Vegas cakoze irindi tohoza bisabwe n'uwo avuga ko yahohotewe.

Igitangazamakuru co mu Budage, Der Spiegel, nico catangaje ubwa mbere iyo nkuru mu mwaka uheze.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ivyo Christiano Ronaldo yagirizwa vyabaye agikinira ikipe ya Manchester United

Cavuze ko mu 2010 uwo mugore yashitse ku mwumvikano bidaciye muri sentare na Ronaldo, aho yahawe amahera $375,000, yemera ko atazokwigera avuga ivyo vyagiriji ku mugaragaro.

Uwunganira Madamu Mayorga mu vy'amategeko yavuze ko yahawe ingoga zo kuvyutsa uru rubanda n'isekeza rya #MeToo, rirwanya ihohoterwa ry'abagore.

Ronaldo ntiyahakanye ko yahuye n'uwo mugore i Las Vegas mu 2009, ariko avuga ko ivyabaye hagati yabo vyari ku gushaka kwa bose.

Ico gihe Ronaldo yari agikinira Manchester United, agomba aje muri Real Madrid, aho yamaze imyaka icenda yakurikiye.

Ibindi bisa n’ibi

Ibindi kuri iyi nkuru