Abategetsi ba Kenya basubije Tanzania ubutunzi yibwe

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Amabuye ya Zahabu

Umushikiranganji w'imigenderanire wa Kenya Monica Juma, ari kumwe n'abandi bategetsi bashikirije perezida John Magufuri inzahabu zibwe muri Tanzania.

Inzahabu zasubijwe Tanzania zivanywe ku butaka bwa Kenya, zingana n'ibiro birenga gato mirongo itatu na bitanu (35,4 kg).

Agaciro k'izo nzahabu ntikaramenyeshwa ku mugaragaro, ariko ibinyamakuru vyo muri Kenya bimenyesha ko zoba ziciye nka miriyoni imwe y'amadorari (£800,000).

Ayo mabuye y'agaciro yari aturutse ku kibuga c'indege ca Mwanza ajanywe muri Arabia Saudite, imbere yo gufatirwa ku kibuga c'indege i Nairobi, mu kwezi kwa kabiri umwaka uheze, nk'uko bimenyeshwa n'ikinyamakuru The Citizen.

Intumwa za Kenya zashikirije Tanzania kandi, amafranga agera ku bihumbi ijana na mirongo itanu na bibiri ($ 152, 000) vy'amadorari yibwe muri banki, nk'uko bivugwa mu binyamakuru.

Perezida Magufuri amenyesha ko yaganiriye na mugenziwe wa Kenya Uhuru Kenyatta kuri ico kibazo co gusubiza ubutunzi bwibwe Tanzania.

Perezida Magufuri yavuze ko umwumvikano ku gusubiza ubwo butunzi bwa Tanzania washitsweko igihe abo bategetsi bompi baheruka guhurira Chato.

Uwufise ububasha kw’isanamu Tanzania State House
Image caption Perezida Magufuri (ibubanfu) na mugenziwe Kenyatta (iburyo)

Perezida Magufuri yavuze kandi ko hazoba amatohoza kukumenya nimba hari abategetsi bo muri Leta boba bari inyuma y'ubwo busuma.

Yategetse inzego z'umutekano n'izo igisirikare gutangura ayo amatohoza.

Perezida Magufuri yavuze kandi ko hamaze gushingishwa imanza zibiri i Mwanza na Kilimanjaro zishingiye kuri ubwo busuma bw'inzahabu n'ayo mafaranga.

Ibindi kuri iyi nkuru