Bobi Wine, ashobora kuzoba aramutswa Uganda muri 2021?

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Robert Kyagulanyi,

Bobi Wine umucuraranzi yahindutse umunyapolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi, yatangaje ku mugaragaro ko azohiganirwa ikibanza c'umukuru wa Uganda mu matora yo mu 2021.

Uyu munyapolitike azwi ku ritazirano rya Bobi Wine, yatangaje ko azokwitoza, mu nama y'umugambwe wiwe People Power.

Yaboneyeho gutangaza n'abagize umugwi uzomufasha kwiyamamaza.

Kuba ari icamamare cane cane mu rwaruka rw'abanya Uganda, bishobora kubera ikibazo perezida Museveni.

Bwana Museveni, ubu ageze ku myaka 74 y'amavuka, vyitezwe ko asubira kwitoza kuyobora igihugu ku ncuro igira gatandatu.

Yabaye ku butegetsi bwa Ugnada kuva mu myaka 33 ishize (kuva 1986)

Bobi Wine muri kino gihe asanzwe akurikiranwa ku vyaha vyo guhemukira igihugu, inyuma yo gufatwa mu mwaka uheze ari mw' ikoraniro n'abayoboke biwe.

Ico gihe bivugwa ko urukurikirane rw'imodokari zirerura umukuru w'igihugu rwoba rwateweko amabuye.

Bobi Wine yavuze ko yishwe urubozo agakubitwa igihe yari mu gasho mu kwezi kw'umunani, ariko abategetsi barabihakana.

Ibindi kuri iyi nkuru