Boris Johnson yabaye umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Boris Johnson, umushikiranganji wa mbere musha w'Ubwongereza

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza mushasha Boris Johnson yatanguye mu mabanga yiwe agena abagize leta yiwe, aho yahereye kuri Sajid Javid ajejwe ubutunzi.

Igenwa ry'abazogira leta ya Boris Johnson ryakurikiye gutanga imihoho kwa bamwe mu bahora muri leta ya Theresa May.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Sajid Javid yahawe ubushikiranganji bw'ubutunzi

Uwahora ajejwe ubutunzi bw'igihugu Philip Hammond yatanze imihoho uyu munsi nyene.

Yakurikiwe n'umushikiranganji w'imigenderanire Jeremy Hunt.

Image caption Dominic Raab, ajejwe imigenderanire n'amakungu

Boris Johnson yasubirije Dominic Raab mu kibanza ca Jeremy Hunt c'ubushikiranganji bw'imigenderanire.

Bwana Johnson yijeje abamwizeye ko Ubwongereza buzoba bwavuye mu Bumwe bwa Bulaya imbere yo kuwa 31 z'ukwezi kw'icumi muri uyu mwaka.

Yavuze ko abanyagihugu batazorinda kurindira iminsi 99 isigaye kuko barindiriye igihe gihagije kugira uwo mugambi wo kuva mu Bumwe bwa Bulaya ushirwe mu ngiro.

Uwufise ububasha kw’isanamu PA Media
Image caption Abari mu myiyerekano batangiriye Boris Johnson

Yabanje kuja kubonana n'umwamikazi Elisabeth II, aho abaharanira hukingira ibidukikije bari mu myiyerekano bashatse kumutangira.

Kare, uwo yakoreye mu ngata Theresa May yari yabanje gushikiriza ijmbo imbere yo ku mushikiriza amabanga.

Theresa May yakiriye n'ibibazo vyanyuma nk'umushikiranganji wa mbere.

Ibindi kuri iyi nkuru