Umugabane wa Buraya witeguriye kugira umunsi urangwa n'ubushuhe budasanzwe

Abantu bariko bararwanya ubushuhe i Nantes, Loire-Atlantique mu Bufaransa itariki 24/07/2019 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ni ubwa kabiri munsi y'ukwezi kumwe ubushuhe budasanzwe bushika i Buraya

Igice c'uburengero bwa Buraya citeze kubonekamwo ubushuhe bushobora kuba ari bwo bwinshi bumaze kuhaboneka kuva ibipimo vy'ubushuhe vyatangura gufatwa kuri uwo mugabane.

Bubaye ubugira kabiri mu kiringo kiri munsi y'ukwezi kumwe gusa ico gice c'umugabane wa Buraya gihuye n'ukwiyongera kudasanzwe kw'ubushuhe.

I Paris vyitegezwe ko igipimo c'ubushuhe kiza gushika kuri dogere Celsius mirongo ine na zibiri, bukaba ari bwo bushuhe bwinshi bumaze kuhaboneka mu myaka irenga mirongo indwi.

Umuhinga mu bwubatsi ajejwe igikorwa co gusanura Katedrale Notre Dame yagabishije yuko ubushuhe bwinshi bushobora gutuma igisenge gikoroka.

Kuwa gatatu mu Bubirigi, mu Budage hamwe no muri Hollande habonetse ubushuhe bwinshi butari bwahaboneke, abajejwe ivy'ikirere bakavuga ko ubundi bushuhe nk'ubwo bushobora kuboneka uno munsi.

Abajejwe inzira z'indarayi mu Bufaransa no mu Bwongereza bahanuye ingenzi mu bice biza gukorwako cane, kuba barigije inyuma ingendo zabo.

Ibindi kuri iyi nkuru