Umukuru w'igihugu ca Tuniziya yaryamiye ukuboko kw'abagabo

Beji Caid Essebsi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umuhisi Beji Caid Essebsi yagize uruhara muri politke ya Tuniziya kuva mu 1956

Umukuru w'igihu ca Tuniziya, wa mbere yagiyeko biciye muri demokrasi, Beji Caid Essebsi, yaryamiye ukuboko kw'abagabo afise imyaka mirongo icenda n'ibiri

Bwana Essebsi, yagize uruhara muri leta ya Tuniziya kuva mu 1956, yaje kumenyekana cane nyuma y'itembagazwa rya Zine El Abidine Ben Ali haraciye imyaka umunani.

Itembagazwa rya Ben Ali ryatanguje amahinduka mu karere k'abarabu, yaje kwitwa "Arab Spring" mu congereza.

Naho yakoranye na leta yabanjirije yafatwa nk'iyitwaza igitugu, yabonwa nk'umuntu w'umukozi ashikana ibikorwa kandi azana bishasha.

Umugambwe wiwe mushasha, Nidaa Tunis, watsindiye intebe nyinshi mu nama nshingamateka, bimuviramwo gutorwa nk'umukuru w'igihugu mu 2014.

Ibindi bisa n’ibi

Ibindi kuri iyi nkuru