Abantu bashika 150 vyibazwa ko basomye nturi hafi y'inkomba za Libya

Abanye Libya biriko barapfuba abasomye nturi nyuma y'ukurohama kw'ubwato mu 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abo bantu basomye nturi ubwato barimwo bumaze kurohoma

Abantu bashika ijana na mirongo itanu nibo vyibazwa ko basomye nturi igihe ubwato bwarohoma hafi y'inkombe za Libya.

Ishami rya ONU ryita ku mpunzi, HCR, rivuga ko igitigiri nk'ico nyene c'abandi bantu barokowe kababa bariko barasubizwa muri Libya.

Ico gihugu ni nk'ihuriro ry'abimukira bafata urugendo rumeze nko kwigerezako bashaka kuja i Buraya.

HCR yagumye isemerera isaba yuko abo barokowe batosubizwa mu gihugu ca Libya.

Iryo shirahamwe rivuga ko muri ico gihugu bapfungwa mu buryo bubi cane butabereye ikiremwa muntu.

Ikindi kibazo naco, ni uko aho abo bantu bajanywe hari intambara ikomeye hagati y'imigwi irwanira ubutegetsi.

Ibindi bisa n’ibi

Ibindi kuri iyi nkuru