UNHCR imenyesha ko abarenga 150 batwawe ku nkengera za Libya, abandi nk'abo bakarokoka.

Abimukira bava Libya baja i Bulaya Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Akenshi bajabuka mu bwato bwuzuranye cane nk'ubu bwafashwe isanamu mu kwezi kw'indwi

Abantu bagera ku 150 nibo bikekwa ko basomye nturi muri Mediterranee abandi bangana uko nyene bararokoka bafashijwe n'abarovyi ku nkengera za Libya.

Ntibisobanurwa neza nimba abo bantu bari mu bwato bumwe canke bubiri bwaturutse mu gisagara ca al Khoms, ku km 120 mu buseruko bwa Tripoli.

Abantu baharurwa mu 164 barapfuye batwawe n'amazi bari mu rugendo bajabuka hagati ya Libya n'umugabane wa Bulaya mu mezi ane ya mbere y'uyu mwaka.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryakomeje gusaba ko abantu batabawe mu kiyaga Mediterranee badakwiye gusubizwa muri Libya kubera uburyo bafatwa bubangamiye agateka ka kiremwa muntu.

Ibindi kuri iyi nkuru