Umunyamakuru akaba n'umwanditsi kuri Afrika akomeye, Pierre Pean, yapfuye

Pierre Pean Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Pierre Pean yarazwi ku matohoza ku mugabane wa Afrika

Pierre Pean, umuhinga kuri Afrika akaba yaranditse n'ibitabo vyinshi yaryamiye ukuboko kw'abagabo ejo kuwa kane afise imyaka 81.

Nk'uko bivugwa n'igitangazamakuru co mu Bufaransa, France 24, umunyamakuru Pierre Pean, umukozi w'itohoza abushitse, yibanze cane kuri Afrika, n'ibitangazamakuru.

Yibanze kandi ku banyepolitike - cane cane kahise katabonwa kumwe k'uwahoze ari umukuru w'igihugu Francois Mitterrand mu gihe aba Nazi bari bacigaruriye Ubufaransa.

Yaryamiye ukuboko kw'abagabo ejo tariki 25/07/2019 nk'uko umuryango wiwe wabitangarije ibiro ntaramakuru, AFP.

Umuhungu wiwe w'umwanditsi Jean Gregor, yabwiye AFP ko Pierre Pean yahitanywe n'uburwayi ku bitaro vya Argenteuil mu karere ka Val-d'Oise.

Ikinyamakuru co kuri internet, France Bleu, canditse ko Pierre Pean atakunda ko bamwita umunyamakuru w'itohoza.

Mu matohoza yiwe yibanda ku kwerekana ukuntu ivyo atohoza canke abo atohozako bagoranye.

Yavuze ko yaba ashaka gutohoza yidegemvya, ku bintu yihitiyemwo kandi ku gushaka kwiwe, ntabwirizwe canke ngo ajane narwo afatiye ku bivugwa mu bitangazamakuru canke imanza zo mu ma sentare.

Yarandanitse ku Rwanda igitabo yise "Noir Fureur Blanc Menteur: Rwanda 1990-1994", igitabo kitashimwe n'ubutegetsi buriho mu Rwanda.

Muri ico gitabo casohotse mu 2005, Pierre Pean ashira akabazo ku nkuru ya jenoside yo mu Rwanda ku buryo ivugwa n'ubutegetsi.

Ku bw'ico gitabo, uwo mwanditsi yararezwe muri sentare n'ishirahamwe SOS Racisme, rimwagiriza "kugira uruhara mu gukwega urwanko rufatiye ku moko", kuko yanditse ko Abatutsi "bafise umuco w'ikinyoma no guhishahisha." Urwo rubanza yararutsinze.

Ibindi bisa n’ibi