President Trump yagirijwe amacakuri nyuma yo gukoresha ijambo "icibare c'imbeba"

Elijah Cummings, a umushingamateka w'umutemokrate ahagariye intara ya Maryland Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Donald Trump yise akarere ka Baltimore gaserukiwe na Elijah Cummings ko "ari akajagari kashegeshwe n'imbeba"

Umukuru w'inama nshingamateka ya Amerika, umu Democrates Nancy Pelosi, yagirije Prezida Trump "kugaba igitero c'amacakubiri" ku mushingamateka w'umwirabura mu butumwa bwa twitter.

Bwana Trump yifatiye mu gahanga kuri twitter umu Democrate Elijah Cummings aserukiye intara ya Maryland.

Bwana Trump yavuze ko Baltimore, akarere kiganjemwo abirabura gaserukiwe na Bwana Cummings, ari "akajagari kashegeshwe n'imbeba."

Bwana Trump yanditse avuga ko Bwana Cummings ari "umunyakagagazo", ku kubaya yaragaye ingene abimukira bafashwe ku rubibe rwa Amerika na Mexique.

Nk'umukuru w'umugwi ugenzura ibikorwa vya leta, Bwana Cummings yatanguje amatohoza ku vyemezo vya Bwana Tump, harimwo ikibazo c'ibigo bapfungiramwo abimukira.

Madamu Pelosi yagiye imbere mu bashingamateka b'aba Democrate mu gushigikira Bwana Cummings no kwiyamiriza ubutumwa Bwana Trump yashize kuri twitter.

Madamu Pelosi yanditse avuga ko ubwo butumwa bwa twitter ari "igitero c'amacakubiri" kuri Bwana Cummings, asanzwe aserukiye akarere gatuwe n'abirabura ku rugero rurenga 50%.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Nancy Pelosi yiyamirije ivyavuzwe na Bwana Trump, avuga ko ar "amacakubiri"

Bwana Cummings asanzwe anenga cane Bwana Trump, akaba yasubije mu buryo bwitonze kuri twitter agira ati: "Kugenzura ibikorwa vya leta ni akazi nashinzwe n'ibwirizwa shingiro. Ariko kurwana ku bo nserukiye ni igikorwa kindi ku mutma."

Umukuru w'igisagara ca Baltimore, Bernard Young, yavuze ko Bwana Trump ari "umucantege ku banyagihugu" b'umuji wiwe no "ku gihugu cacu hamwe n'isi yose".

Gushika ubu abo mu mugambwe w'aba Republicain wa bwana Trump, ntaco barasubiza.

Ibindi kuri iyi nkuru