Emir wa Dubai n'umugore muri sentare za Londres

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umuganwakazi Haya yahunze mu ntango z'uyu mwaka , ubu aba mu mpisho i Londres

Umupfasoni wa cheikh Mohammed al-Maktoum, Haya Bint al-Hussein, abaye umugore agira gatatu ahunze aturuka ku kirimba ca Émirats arabes unis.

Ikibazo kimujanye muri sentare n'umugabo wiwe cerekeye abana yahunganye.

Umuganwakazi Haya yahunze ava ava muri 'Émirats arabes Unis' mu ntango z'uyu mwaka, yihisha mu muji wa Londres.

Yubakanye na Emir wa Dubai Sheikh Mohammed mu 2004, nk'umugore wiwe agira gatandatu.

Uyu mukambwe w'imyaka 70, atunze impongore z'amafarasi aciye za miliyoni mu misozi ya Godolphin, afise abana 23 ku bagore batandukanye.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umuganwakazi Haya mu 1993 afise imyaka 19

Umuganwakazi Haya, avukana n'umwami wa Jordania Abdullah II, yavukiye muri Jordania akaba yize amashure mu Bwongereza.

Yabanje kuja gusaba ubuhungiro mu Budagi, ariko muri uku kwezi vyamenyekanye ko aba mu muji wa Londres mu nzu iciye miliyoni 107 z'ama dorari mu gace ka Kensington Palace Gardens.

Birakekwa ko umuganwakazi Haya ashaka kuguma mu Bwongereza.

Ariko hamwe umugabo wiwe yoshaka Ubwongereza bumurungika iwabo muri EAU, bwohava bugirana ibibazo n'ico gihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Haya na Sheikh Mohammed, mu 2016

Aho Haya amariye guhunga, Sheikh Mohammed yandikanye n'agashavu icese / umuvugo, yagiriza umugore atarinze kuvuga izina, ko ari umuhemu yagambaniye igihugu, yashize ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

Kuki umuganwakazi Haya yahunze?

Abegereye hafi y'uyu muganwakazi Haya bavuga ko yamenye mu ntango z'uku kwezi amabanga ajanye n'uburyo Sheikha Latifa, umwe mu bakobwa ba Emir Sheikh Mohammed yari yashatse guhunga yagarukanywe Dubai.

Sheikha Latifa yari yashatse guhunga aciye mu mazi afashijwe n'Umufaransa, ariko agarurwa n'abantu bitwaje ibirwanisho bamufatiye ku nkengera z'Ubuhinde.

Ico gihe umuganwakazi Haya yagerageje guhagararira ubutegetsi bwa Dubai avuga ko Shiekha Latifa yari yahenzwe, akaba yari yashitse 'Dubai aho ari mu mutekano'.

Abaharanira uburenganzira bwa kiremwa muntu bavuga ko yari yajanywe ku nguvu.

Ariko mu nyuma, hari amakuru avuga ko umuganwakazi Haya, yahavuye aronka amakuru mashasha yerekeye ifatwa rya Shiekha Latifa, bigatuma umuryango w'umugabo wiwe umutera ubwoba.

Mu kwezi kw'indwi mu 2000, uwundi mukobwa wa Sheikh Mohammed, Sheikha Shamsa Al Maktoum yagerageje guhunga afise imyaka 19.

Yavuye mu rugo ahitwa Surrey, atwaye Land Rover yo muhira iwabo ayisiga ku ruzitiro kugirango arumene agende n'amaguru.

Bivugwa ko bamusanze Cambridge hashize umwaka, bakamusubiza Dubai.

Ibindi kuri iyi nkuru