PSG iratahanye Gueye kuri £30m

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Gueye yatsinze tackles nyinshi kuri buri rukino yagiyemwo, kurusha abandi bakinyi muri Premier League

Uyu mukinyi wo hagati wa Everton yahoze muri Aston Villa, aho yahavuye aguzwe muliyoni indwi mu 2016.

Yahawe na PSG amasezerano y'imyaka ine, akaba yashimiye abafana ba Everton aciye ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

Yijeje abamukurikira kuzokora ibishoboka vyose akerekana ko icizere yagiriwe agikwiye.

Kandi ngo azogerageza kurondera ikibanza ciza muri uwo mugwi wa PSG avuga ko ushoboye cane.