Trump ageze ku Bufaransa mu ntambara y'amakori

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Perezida Trump ati 'nikundira ukwo imivinyu ya Amerika isa gusumba iyo Ubufaransa'

Umushikiranganji w'uburimyi w'Ubufaransa Didier Guillaume, yavuze ko amajambo ya Trump ku itozwa ry'amakori ku mivinyu ituruka mu Bufaransa, atagiramwo ubwenge na buke.

Mu nkuru yacishijwe kuri tereviziyo yo mu Bufaransa BFM TV, Didier Guillaume yise amajambo ya Trump ko 'yuzuyemwo ubujuju'.

Kuri we ngo n'ubujuju, kubona umuntu ari mu mpari za politike n'ubutunzi ashobora kuvuga ngo 'niwafata ingingo yo guca amakori ibigo vya GAFA (Google, Apple Facebook, Amazon) nanje nzoca nca amakori imivinyu'

Yagize ati 'Ubu bugize gatatu perezida wa Leta zunze Ubumwe za Amerika akangishanya amakori, incuro gatatu muri uyu mwaka', ati 'turindiriye kuraba nimba abishira mu ngiro'.

Ikindi kandi ngo nta mivinyu ya Amerika iruta iyo mu Bufaransa.

Perezida wa Leta zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump, mu ndwi iheze niho yatangaza ko agiye gutoza amakori ku mivinyu ituruka mu Bufaransa, inyuma y'aho ico gihugu gifatiye ingingo yo gutoza amakori ibigo binini binini vy' itumatumanako bifise icicaro gikuru muri Leta zunze Ubumwe za Amerika nka Google, Facebook na Amazon.

Perezida Trump yavuze kandi ko imivinyu yo muri Amerika ari na myiza gusumba iyo Ubufaransa.

Bwana Trump yagirije perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron ko 'ata bwenge agira' inyuma y'aho Ubufaransa bumenyeshereje ko bugiye guca amakori ibigo vya Google, Apple, Facebook na Amazon -GAFA.

Abategetsi b'Ubufaransa bavuga ko ivyo bigo biriha amakori mato cane, canke ntibinarihe mu bihugu bikoreramwo ariko bidafisemwo icicaro gikuru.

Ariko Trump avuga ko iyo yari intumbero yo gushaka kwaka amakori ku karenganyo, ibigo vy'ubuhinga bw'itumanako vyo muri Leta zunze Ubumwe za Amerika.

Trump yavuze abicishije ku rubuga rwa Twitter ko ata wundi akwiye kubitoza amakori, atari Leta zunze Ubumwe za Amerika, igihugu ivyo bigo bikomokamwo.

Niko guca avuga ko agiye gusubiriza Ubufaransa mu nkoko bidatevye, akanababwira ko n'imivinyu yabo atari myiza gusumba iyo abanyamerika.

Ibindi kuri iyi nkuru