Insobanuro y'igipolisi kw'ifatwa rya Kabendera

Uwufise ububasha kw’isanamu .
Image caption Polisi ya Tanzania yemeza ko Kabendera yahamagawe kubazwa

Mu kiganiro kigenewe abanyamakuru i Dar es Salam, umukuru w'igipolisi Lazaro Mombosasa, yavuze ko Kabendera yari yanse kwitaba urwandiko rumurengutsa.

Uwo mukuru w'igipolisi ntiyatanze inyishu itomoye ku kibazo c'impamvu zatumye Kabendera arengutswa.

Yavuze gusa ko kwari ukugirango abazwe ku bijanye n'akazi kiwe hamwe n'imyirondoro yiwe.

Ku mbuga hwaniro, umunsi wose hakomeje kuvugwa iryo fatwa rya Erick Kabendera, aho bamwe bakoresha intsindagirajambo #FreeErickKabendera .

Uwufise ububasha kw’isanamu THRDC
Image caption #FreeEricKabendera ni akajambo kakoreshejwe cane uno munsi muri Tanzania

Igipolisi kimenyesha ko umuryango wa Kabendera waturutse mu gihugu kibanyi, ukaba ngo utakwirikije amategeko mu nzira yo kuronka ubwenegihugu.

Bwana Kabendera yanditse mu 2013, ko igipolisi cigeze kumarana amasaha icumi umuvyeyi wiwe kimusambisha ku bijanye n'ubwenegihugu bwiwe, kimutegeka "kubwira 'umuhungu wiwe ko akwiye guceceka' bitagenze uko akazohereza mu munyororo".

Ikigo gishinzwe gukwirikirana umutekano w'abanyamakuru CPJ, kivuga ko ifatwa ryiwe ryerekana uburyo abanyamakuru babangamiwe muri Tanzania.

Ishirahamwe ry'abanyamakuru batagira imbibe RSF, ryabwiye iyandikiro ry'amakuru ry'Abafaransa AFP, ko kubwabo, insobanuro zitangwa n'igipolisi zidafashe na mba.

Ku munsi wa gatandatu, Kabendera yari yanditse mu kinyamakuru 'The East African' inkuru ijanye n'indyane ziri hagati mu mugambwe uri ku butegetsi.

Yavuze ko hari kandi n'ikibazo co gushaka kubuza perezida John Magufuri kwitoza mu 2020, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru AFP.

Ibindi kuri iyi nkuru