Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika ririyamiriza igitero ku ngabo z'u Burundi ziri muri Amisom

Uburundi ni igihugu kigira kabiri mu bitigiri vy'ingabo ziri muri AMISOM Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Uburundi ni igihugu kigira kabiri mu bitigiri vy'ingabo ziri muri AMISOM

Umukuru wa Komisiyo y'Ubumwe bw'ibihugu vya Afrika Moussa Faki Mahamat ariyamiriza igitero cakozwe n'abarwanyi ba Al-Shabab ku ngabo z'Uburundi ziri muri Somalia mu rwego rwa AMISOM.

Mw'itangazo ryasohowe n'iyo kimisiyo, Bwana Faki arahoza imiryango y'abasirikare baguye muri ico gitero cakozwe ku munsi wa gatandatu w'indwi iheze, yongera yipfuriza abakomeretse gukira n'ingona.

Avuga ati: "Turifatanije n'imiryango yabuze, abanyagihugu na leta y'Uburundi, ku basirikare bapfuye bariko bitangira igihugu ca Afrika gihanganye n'iterabwoba".

Ico gitero cabereye mu karere ka Bal'ad kari ku birometero 30 bw'umugwa mukuru Mogadiscio, amakuru akavuga ko abashika batandatu aribo bahasize ubuzima, abandi barakomereka.

Umukuru w'iyo komisiyo avuga ko umuryango w'ubumwe bw'ibihugu vya Afrika uzobandanya ushigikira leta ya Somalia mu gutsimbataza amahoro n 'umutekano mu gihugu.

Asaba amakungu ko yofata mu mugongo igihugu ca Somalia hamwe na AMISOM kugira ngo bashobore kugarukana umutekano mu gihugu.

AMISOM igizwe n'ingabo zirenga ibihumbi 20, Uburundi bwarungitse abasirikare barenga 5000, bugira kabiri mu bihugu bifise ingabo nyinshi muri Somalia, inyuma ya Uganda ifiseyo abarenga ibihumbi bitandatu.

Ibindi bisa n’ibi