Betty Bigombe: Umugore yagerageje guhuza Kony na Museveni muri Uganda

Betty Bigombe ari kumwe n'intumwa ya LRA mu biganiro Brig Sam Kolo (i buryo) mu 2004 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Betty Bigombe ari kumwe n'intumwa ya LRA mu biganiro Brig Sam Kolo (i buryo) mu 2004

Igihe Betty Bigombe yariko arakura mu myaka ya 1950 mu buraruko bwa Uganda, yagenda ibirometero birenga bitandatu aja kw'ishure. Yari azi ko kugira ngo ashobore kubaho kandi afashe igihugu yategerezwa kwiga amashure.

Haciye imyaka 30, "intererano yiwe"kwabaye ukwikorera umuzigo wa kazoza k'akarere kiwe mu gihe yagerageza kugiranira ibiganiro na Joseph Kony, umuyobozi akomeye w'umurwi Lord's Resistance Army.

Umupfasoni Bigombe yari umwana agira umunani mu muryango, akaba yakuriye mu karere aho uguharika ari umugenzo gushika ubu.

Avuga ati: "Iyo ntiga, kumbure mba mfise nk'abana 20 mu misozi, birirwa bakora ibikorwa biruhisha nk'ukurima n'ukwimbura, umwana mu mugongo uwundi yavura - mba ndi umwe mu bagore benshi ku mugabo umwe".

Ishengero ryafashije umuryango wiwe mu vy'amahera n'umutima, nawe abandanya yiga amashure mu buto bwiwe, ivyamutumye aronka akaryo ko kuja kwiga kuri kaminuza ya Harvard muri Amerika.

Uwufise ububasha kw’isanamu Betty Bigombe
Image caption Betty Bigombe (i buryo) ari kumwe na nyina wiwe na mushikiwe

Mu ntango z'imyaka ya za 1980, yasubiye mu gihugu yararongowe afise n'abana babiri.

Igihugu ciwe cinjiye mu ntambara hagati y'ingabo za perezida Milton Obote n'umuhari w'abarwanyi wari urongowe na Yoweri Museveni.

Ati: "Ico gihe, nanyegeza abantu bamwe bamwe bari bashigikiye perezida Museveni".

"Nakorana n'umugore w'umudagikazi yakora mw'ishirahamwe HCR, aho twahungisha abantu bari babangamiwe tubajana muri Kenya. Dufise ibendera rya ONU, nta ngorane".

"Twarashobora kurengana amabariyeri tukabashikana aho bumva ko batekaniwe. Ico nico cantumye ntangura kurwanya akarenganyo".

Mu 1986, Museveni yafashe ubutegetsi, aba umukuru w'igihugu gushika n'ubu. Yashimiye Bigombe mu kumugira umushikiranganji.

Avuga ati: "Igihe ngenwa, inguvu zaracitse kubera bari abagabo gusa. Ico bakora bansaba kwicara n'ugusoma ibinyamakuru, niho naca ngenda mbwira umukuru w'igihugu ko nashaka gutanga imihoho kubera ntashobora kubandanya nicaye gusa mu biro.

"Nashaka gukora. Yarababaye yumvise ko nashaka gutanga imihoho. Nta bashikiranganji batanga imihoho muri Afrika, cane cane b'abagore".

Bigombe yatanze iciyumviro. Intambara yari yadutse mu bubaruko bw'igihugu, akaba yaritanze mu kuja kurondera abarwanyi n'aho bari babitse ibirwanisho vyabo.

Museveni yatanze ikindi ciyumviro gitandukanye. Yemeye kurungika Bigombe mu buraruko bwa Uganda ariko akemera kuganira n'imirwi y'abarwanyi kugira intambara ihagarare.

Abagenzi biwe n'umuryango bibaza ko ico gikorwa kwari ukwiyahura.

"Abantu benshi bambwira bati: 'Tanga imihoho, ashaka ko upfa'. Abagenzi baraza bakambwira bati: 'Iki si igikorwa c'umugore. Kubera iki yagihaye wewe? Ntavyo umenyereye'".

Nta muntu n'umwe yashobora kwubahuka kugerageza kuvugana na Joseph Kony, umukuru w'umurwi w'ubugizi bwa nabi wa Lord's Resistance Army.

Kony yari yarigeze kuba umukozi wo mw'isengero akaba yavuga ko yari intumwa y'Imana. Yabwira abanywanyi biwe ko banyuruza bagafata ku nguvu abigeme, akaba yigisha abahungu n'abakobwa kwica.

Umuhari Lord's Resistance Army warungikiye urwandiko Bigombe umubwira ko Museveni yabatutse mu kubarungikira umugore ngo avugane nabo.

Baramugabishije ko bashobora kumwica ariko yagumyeko - yiyemeza kurangiza intambara. Mu nyuma niho barungikana umuntu yahohotewe na Kony ikete rya kabiri kugira ngo arishikirize we nyene.

"Uyo muntu yaraje. Sinzi ingene atapfuye. Nta rushinge rwa tetanos yatewe, nta na kimwe. Bari bamuciye iminwa, bamuciye ibihimba, yuzuye amaraso. Iryo kete rivugwa ryari ryandikiwe jewe kandi ryari ryuzuye amaraso. Sinashobora n'ukurikorako".

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Joseph Kony mu biganiro mu 2006

Ntiyacitse intege, Bigombe yafashe ingingo yo kwishura Kony. Yamwise "muhungu wanje" yongera akoresha n'ijambo ry'Imana kugira ngo ashobore kumushikira.

Niho Kony yemera kubonana nawe. Yatinya ko yashobora kumwica rubozo, aca yiyemeza ko yari kwiyica hako afatwa na we.

Mw'ishama rya manyenye, yabonanye na we ubwa mbere.

Umupfasoni Biyombe agira ati: "Yari acungerewe, hari indirimbo z'Imana, bamwe mu bagabo bambaye nk'ababikira kandi bafise n'inkoho. Bagenda baririmba indirimbo zo guhayagiza umuhari wabo, kandi bahenagurika, bavuga ko amashetani yariko arabavamwo.

"Ivyo bintu vyari bitangaje. We yari yambaye umwambaro wa gisirikare. Yari yiteguye kuntera ubwoba".

Mu mezi 18 yakurikiye, tumaze kubonana incuro zitari nke, Kony yatanguye kumuhamagara ngo "Mummy" Bigombe.

Aho yari yemeye kuva mw'ishamba kugira ngo abonane na Museveni mu biganiro vy'amahoro. Umupfasoni Bigombe yashikiriye umukuru w'igihugu amubwira ko yokwitegurira ibiganiro vy'amahoro.

Ariko, Museveni wewe yagiye mw'ikoraniro atera ubwoba Kony - amubwira ko ategerezwa kuva mw'ishamba adatevye canke ahure n'uburakari bw'ingabo za leta.

Inyishu ya Kony n'ingabo ziwe yabaye ukugandagura abantu 300 ku kigo c'ubudandaji kiri ku rubibe na Sudani.

Umupfasoni Bigombe yaciye atanga imihoho aca aja muri Amerika.

Ati: "Naracitse intege. Nagize ibibazo ndi mu ndege. Nari naniwe bikomeye, ariko ingorane ntiyari kuri jewe - ahubwo yari ingorane ku banyagihugu bari mu marushwa".

Uwufise ububasha kw’isanamu Centre of Humanitarian Dialogue
Image caption Bigombe mw'ikoraniro i Oslo mu 2018

Yasubiye kwiga i Harvard hanyuma aronka akazi mw'ibanki nkuru y'isi yose i Washington.

Hanyuma mu gatondo kamwe mu mwaka wa 2004 yuguruye televiziyo, abona ibintu vyose vyarahindutse. Hari inkuru yihuta kuri televiziyo CNN - umurwi Lord's Resistance Army winjiye mw'ikambi wica abantu barenga 300.

"Muri ako kanya habonetse isanamu yanje - umuntu wenyene yahatswe kurangiza intambara, umuntu wenyene yashoboye kubonana n'umukuru w'abarwanyi. Nibajije ko ari akamo ntewe".

Umupfasoni Bigombe yaciye asubira muri Uganda agerageza kurondera ingene yosubira kubonana na Kony.

Yibaza ko imfashanyo ya leta yari guhava ituma imutuma yegamira uruhande kanaka, aca akoresha amahera yiwe.

Yakoresheje amahera yari yaziganirije umukobwa wiwe yo kuriha amashure ayakoresha mw'ibi bikorwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Betty Bigombe mu mubonano na LRA mu buraruko bwa Uganda mu kwa 12 umwaka wa 2004

Ico gihe, sentare mpuzamakungu mpanavyaha yari yagirije Kony ivyaha vyo mu ntambara yakoreye abanyagihugu.

Utwigoro twa Bigombe twatumye haba ibiganiro vy'amahoro mu mwaka wa 2006 muri Sudani y'Epfo, n'aho vyagiye guhagarara mu nyuma, aho Kony yankiye gushira igikumu ku masezerano y'amahoro.

Kony n'ibisigarira vya Lord's Resistance Army babandanije baba mu kinyegero kuva ico gihe. Bivugwa ko amagara yiwe abangamiwe kandi ko yoba asigaranye abarwanyi badashika 100.

Uno munsi Bigombe arongoye igisata kiraba ivy'indyane mw'ibanki nkuru y'isi yose.

Azunguruka isi yose yigisha abahuza kandi ababwira inyigisho yaronkeye muri iryo shamba. Imibonano yiwe na Kony yaramwigishije yongera yigisha na Kony.

Ati: "Mperutse kubonana n'umwe mu barwanyi biwe. Ni ibintu bitangaje ariko barandondera. Mu mezi make aheze, umwe muri bo yaranterefonye ambwira ati : 'Ubu Kony ntavyo gufyina, aripfuza kuza. '

Namwishuye nti : 'Reka gufyina, nyereka ikivyemeza, mubwire anterefone. Ijwi ryiwe ndarizi'".

Ibindi bisa n’ibi