Abakenyezi bagendana intambi bariyongereye mu Bwongereza

Umukenyezi afashwe n'igipolisi afise intambi Uwufise ububasha kw’isanamu Manchester Evening News
Image caption Abakenyezi bashika 1509 baramaze gufatwa.

Ibitigiri vy'abakenyezi bafise icaha co kugendana intambi vyaraduze mu Bwongereza, aho kuva mu 2014 ivyo bitigiri vyaduze ku rugero rutari munsi ya 10 % nk'uko ibiharuro vy'igipolisi bivyerekana.

Hakurikijwe ivyaha 1.509 vyabonetse mu 2018, bisigura ko ivyo bitigiri vyaduze gushika kuri 73% muri iyi myaka 5 iheze.

Abakozi b'imiyabaga bavuga ko abakenyezi bamwe bamwe bafatira inkoho imigwi y'abagizi ba nabi kubera bazi y'uko bafise amahigwe make yo gufatwa n'igipolisi.

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu buvuga ko bwatoye imigwi ifasha abakenyezi n'abigeme babaye muri iyo migwi y'abagizi ba nabi.

BBC yararondeye ibisata 4 vy'igipolisi vyo muri Wales ariko yaronse ibitigiri bidakwiye . Ibindi vyo muri Scotland na Irlande ya Ruguru ntivyabonetse.

Uwufise ububasha kw’isanamu West Midlands Police
Image caption Inkoho, intambi, n'amasasu vyafashwe n'igipolisi mw'isakoshi izimvye y'umukenyezi

Ibiharuro vyo mu bigo 38 kuri 39 vy'inzego zijejwe umutekano biri mu Bwongereza, vyerekana ko hafi 1/4 c'ivyaha vyakozwe n'abigeme bafise imyaka iri munsi ya 18 - umutoya muribo yari afise imyaka 7.

Mugihe igipolisi co mu gisagara ca Londres arico gifise ibitigiri vy'abakenyezi benshi bafise uruhara mu vyaha nk'ivyo, abakenyezi babonetse ko bitwaza intambi baragwira cane mu buraruko bw'Ubwongereza.

Igipolisi co mu gasagara ca Londres casanze ivyo bitigiri vyaduze gushika kuri 52 % muri iyi myaka 5 iheze, aho ivyaha bishika 916 nk'ivyo arivyo vyabonetse hagati yo mu 2014 na 2018.

Inyuma y'imyaka y'ubwana bwiwe yabaye mibi cane, Theresa vyaramunaniye kwihangana .

Imbere yo kugira imyaka 20 , yanywa ibiyayura mutwe akongera akaba imalaya.

Image caption Theresa avuga ko yagendanye intambi kuva agifise imyaka 12.

Yagize ati : ''Nitwaza intambi canke imikasi ibiri mugihe naba ngenda mw'ibarabara. Hashobora kuba hari abantu batandukanye bategerezwa kuntegeka ngo dusambane''.

Yongeye agira ati: ''Nagumye muri ubwo buzima bw'ivyaha , bw'uguta umutwe, n'umubabaro. Nari mu migenderanire mibi n'abandi gushika aho n'iyo abana banje baba bajanywe mu bibanza vyo kurabigwamwo natakaza ukwizera''.

Yavuze ko yaciye atangura kunywa ibiyovyabwenge, aja no mw'ibarabara gukora ubumalaya.

Ni bakeyi cane.

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu buvuga ko bwongereje amafranga y'abongereza agera ku miliyoni 220 yo kugwanya ko abasore n'abakenyezi baja mu vyaha nk'ivyo.

Tim Forber, icegera c'umuyobozi w'igipolisi mu karere ko mu bumanuko bwa Yorkshire avuga ko icaha co kwitwaza intambi gikomereye ugusumba ku bagabo, kandi gikomera biciye ku bushobozi buke, aho gushikira abakenyezi ugusumba.

Nibazako bitihweza neza cane , nk'uko biri ku bagabo.

Bijanye n'ubushobozi buke bw'abakiri bato basanga bitaye mu migwi y'abagizi ba nabi.