Bigenda gute mu nama nshingamateka ya Vanuatu itarimwo umugore n'umwe?

Abakenyezi bo muri Vanuatu bashaka guserukirwa mu nama nshingamateka ku bice bingana n'ivyo abagabo Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abakenyezi bo muri Vanuatu bashaka guserukirwa mu nama nshingamateka ku bice bingana n'ivyo abagabo

Yasmin Bjornum, umukenyezi aharanira kurwanya ubusumbane bushingiye ku gitsina mu gihugu ca Vanuatu avuta ati: "Ni ibintu bidasanzwe kubona umukenyezi yarakumiriwe mu nzego zifata ingingo".

Inama nshingamateka y'igihugu ciwe - igihugu kigizwe n'amazinga 80 gifise uburebure bw'ibirometero 1300 mw'ibahari Pacifike (Ocean Pacifique) - igizwe n'abashingamateka 52.

Ikintu kidasanzwe muri ivyo, ni uko gushika ubu bose ari abagabo - kikaba ari kimwe mu bihugu bitatu kw'isi bifise inama nshingamateka zose zigizwe n'abagabo gusa.

Bjornum ati: "Ivyiyumviro n'ivyipfuzo vyacu ntibishikirizwa muri urwo rwego rukuru rujejwe gufata amategeko".

Nico camutumye atanguza urugamba aciye ku mbuga ngurukanabumenyi yise Sista mu 2016 mu ntumbero y'ukwigisha abakenyezi bagenziwe, afise icizere ko n'abandi bazoshigikira uwo mugambi.

Kubera iki bigoye guhindura iryo teka ryiziziwe n'abagabo?

Uwufise ububasha kw’isanamu Chris Morgan/BBC
Image caption Hilda Lini ati: "Abagabo nibo bafata ingingo ku bintu vyose muri Vanuatu".

Abakenyezi bashaka kwinjira mu rugamba rwa politike mu gihugu ca Vanuatu bahura n'ingorane zitagira uko zingana, ahanini ziva ku mico n'imigenzo iha ububasha bunini inama mpanuzwajambo zo ku mitumba.

Izo nama zirongowe n'abagabo, bazwi nk'abatware, bakaba ari bo bagena abitoza kuba abashingamateka.

Hilda Lini yigeze kuba umushingamateka ati: "Imigambwe yose [muri Vanuatu] irongowe n'abagabo. Nibo batora abahiganwa, nibo baheza bagatorwa, niho usanga inama nshingamateka yiganziwe n'abagabo".

Lini niwe yabaye umukenyezi wa mbere yatowe mu nama nshingamateka ya Vanuatu mu 1987.

Ayo mabanga yayabayemwo imyaka 11 mu biringo bitatu bitandukanye - akaba kandi ari mu bakenyezi batanu bonyene baranguye ayo mabanga mu mateka ya Vanuatu.

Avuga ko kubona mu nzego zifata ingingo ata bakenyezi barimwo bifise ingaruka mbi ku gihugu.

Ati:"Vyafashe imyaka icenda kugira ngo hemezwe itegeko rigenga ingo n'imiryango (Vanuatu's Family Protection Act)"- itegeko rihana amabi akorerwa mu ngo - kandi gushika ubu rikaba ritanakurikizwa neza.

Ibindi bihugu bidafise abakenyezi mu nama nshingamateka zavyo, navyo nyene ni amazinga yo mw'ibahari Pacifike: Leta zunze Ubumwe za Micronesia, hamwe na Papouasie-Nouvelle-Guinée.

Ibikorwa vy'ukurwanya ubwo busumbane

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Muri Vanuatu, abagabo nibo bigaruria umwimbu w'abagore babo

Hagati aho, abakenyezi bo muri Vanuatu bariko bakora uko bashoboye kugira ngo barwanye ubwo busumbane hagati y'abagabo n'abagore.

Bjornum ati: "Dufise imico rukristu ikomeye cane. Abagabo bazi ko aribo mutwe w'urugo, abagore nabo bakaza ubwa kabiri. Hari amajambo menshi avugwa yo gukumira abakenyezi mu nama nshingamateka."

Umunyamakuru wa BBC yagendeye ako karere avuga ko ari umugenzo abagabo kwigarurira umwimbu w'umukenyezi.

Ku biharuro vy'Ibanki y'isi yose vyo mu mwaka wa 2017, ibice 60 kw'ijana (60%) nibo bafise umuyagankuba, hanyuma ica gatatu c'abana bakaba badakura neza kubera indwara z'ugufungura nabi.

Ibanki y'isi yose ivuga ko gutorera inyishu ikibazo c'ubusumbane hagati y'ibitsina ari nkenerwa kugira ngo igihugu gitere imbere no kuri kazoza kaco.

Ihohotera rikorerwa abakenyezi

Uwufise ububasha kw’isanamu Chris Morgan/BBC
Image caption Yasmin Bjornum avuga ko hari isano hagati y'ukudaserukirwa kw'abagore mu nama nshingamateka n'igitigiri kinini c'amabi akorerwa abakenyezi

Vanuatu ifise abantu ibihumbi 275 (275.000) ikagira n'ibitigiri binini vy'amabi akorerwa abakenyezi.

Bjornum avuga ati: "Ica gatatu c'abigeme baramaze gufatwa ku nguvu imbere y'imyaka 15, mu gihe ibice 60 kw'ijana y'abapfungwa bari mu mabohero bagirizwa icaha co gufata ku nguvu, kandi ku bice 90%, abayakorewe usanga bazinanye n'ababibakoreye".

Bjornum avuga kandi ko 98% vy'abafatwa ku nguvu batitura ubucamanza - hanyuma ku bubahutse kwitwara nabo, kenshi ugasanga zihereye muvyo bita "umwumvikano hagati y'imiryango"

Avuga ko iyo uwakoze icaha atanze agashimwe (nk'ingurube imwe), aratezurirwa igihano.

Bjornum ati: "Mudashigikiye utwigoro tw'ukurwanya ikumira rishingiye ku gitsina, igihugu ntikizigera gihinduka. Ariko imico irakomeye cane rwose muri Vanuatu".

Imigambi ya kazoza

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mu gihe iyi miyabaga yoshikira imyaka y'ugutora, irashobora gutuma kazoza k'igihugu ca Vanuatu gahinduka

Ariko harashobora kuzoba impinduka muri kazoza.

Hariho umurwi w'inararibonye z'abakenyezi bariko baragerageza guhindura ibintu mu gushinga umugambwe ugizwe n'abakenyezi gusa, imbonekarimwe muri ico gihugu ca Vanuatu.

Uwo mugambwe urongowe na Hilda Lini witeguye kuja mu matora yo mu mwaka uza wa 2020 ukaba wiyamamaza usaba ko abakenyezi bohabwa ibice 50 kw'ijana mu nama nshingamateka.

Avuga ati: "Twategerezwa gushira mu ngiro uburenganzira ngenderwako mw'ibwirizwashingiro, ivyo bigashobora gutuma abagabo, abakenyezi n'abamugaye bashobora kuronka ikibanza".

Uyo mugambwe witeze ko abashika batandatu mu bahiganwa bazoba abakenyezi.

Uburenganzira bw'ugutora

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mu matora, abagabo nibo bategeka abagore kubo bategerezwa gutora

Muri kahise, abakenyezi bazwi ko bamye batora bakurikije amategeko bahabwa n'abagabo mu miryango.

Lini ati: "Tubwira umukenyezi ko umuntu atora mu mwiherero. Ni ingingo yawe. Ntutegerezwa kubwira umugabo wawe canke uwo ari wese".

Clare Beckton ari mu mugambi w'ishure kaminuza rya Carleton i Ottawa muri Canada w'uguteza imbere agateka k'umukenyezi mu vyo intwaro.

Uyu avuga ko "Iyo ukumiriye ibice 50 kw'ijana vy'abanyagihugu muri leta, n'ukuri ntushobora kwizera kuronka umwimbu nyawo ku kibazo ico ari co cose".

Ibihugu bitatu vyonyene kw'isi nivyo bifise inama nshingamateka zigizwe n'ibice birenga 50% vy'abakenyezi, nk'uko vyerekanwa n'ibiharuro vy'umuryango mpuzanama nshingamateka : Rwanda (61%), Cuba (53.2%) na Bolivia (53.1%).

Ingorane nyamukuru muri Vanuatu ni ingene borengera imico n'imigenzo yabo - yatumye abakenyezi bashirwa mu kibanza c'inyuma.

Icizere co muri kazoza

Uwufise ububasha kw’isanamu Chris Morgan/BBC
Image caption Abanyapolitike b'abakenyezi muri Vanuatu baripfuza kwitoza, ari naco gituma bashinze umugambwe wabo, Hilda Lini (ibubamfu) niwe yiteze kuwuserukira

Nk'uko abihweza ibintu n'ibindi muri ico gihugu babivuga, abakenyezi b'imyaka itandukanye bavuga ko bipfuza impinduka muri politike no mu kibano, ariko bakavuga ko ari inararibonye zafashe iya mbere mu guharanira izo mpinduka.

Yasmin Bjornum ati: "Ni abo bari mu bibanza vyisumbuye babikora kandi barakorana n'abakenyezi bakiri bato. Kubona abakenyezi bahumuye bafata iya mbere muri urwo rugamba, bizotuma abagabo bashobora kubitahura gusumba".

Lini aremera ko "hageze ko ibintu bihinduka", kandi intumbero yiwe iratomoye: "Ibice 50 kw'ijana vyategerezwa kuba ivy'abakenyezi. Abakenyezi bategerezwa kuronka ikibanza mw'ishingwa ry'amategeko y'igihugu".

Ibindi bisa n’ibi