Abanyeshure bitaburirako imyambaro y’ishure mu Burundi bazofatirwa iyihe ngingo?

Bahejeje ikibazo ca leta mu gisagara ca Bujumbura, hari abaciye bitabagurirako imyambaro y'ishure, mu kwerekana umunezero bafise Uwufise ububasha kw’isanamu Social Media
Image caption Bahejeje ikibazo ca leta mu gisagara ca Bujumbura, hari abaciye bitabagurirako imyambaro y'ishure, mu kwerekana umunezero bafise

Inyuma y'aho bahereje ikibazo ca leta gisoza ayisumbuye, hari amasanamu yakwiragijwe ku mbuga hwaniro yerekana abanyeshure bo mu gisagara ca Bujumbura batamba batabaguye impuzu z'ishure, mu kwerekana umunezero bafise.

Ama syndicats y'abigisha mu Burundi avuga ko "bibabaje kubona hari abana bahejeje amashure yisumbuye biha kwitaburirako izo bambaye".

Iyo nyifato yaraneguwe n'abatari bake.

Hari amajwi yakwiragijwe ku mbuga ngurukanabumenyi y'umutegetsi w'ishure ariko yerekana inyifato iteye isoni yerekanywe na bamwe mu banyeshure, aho avuga ko hari abitaburiyeko impuzu bakiri mw'ishure, bakanatuka n'abarezi babo.

Uyo mutegetsi amenyesha ko abarongoye iryo shure bamaze gufata ingingo y'uko ata mpapuro z'umutsindo bazoha abo banyeshure.

Mw'itangazo amasendika y'abigisha ahuriye mu runani COSSESSONA yasohoye ku munsi wa kabiri, ahanura abo banyeshure kwubahiriza imyambaro y'ishure nka bimwe mu bihesha agateka amashure bize.

COSSESSONA isaba leta gusubiramwo amategeko agenga amashure, igakurikiranira hagufi amashure amwe amwe bavuga ko asa n'ayariko aja kubiri n'intumbero y'ukurera.

Perezida Nkurunziza yarabigaye

Jean-Claude Karerwa avugira umukuru w'igihugu amenyesha ko ico kibazo c'aba banyeshure caganiriweko mu nama y'umutekano yari irongowe na Perezida Nkurunziza ku munsi wa kabiri.

Yamenyesheje ko inyifato nk'iyo atari iy'abana barezwe mu ndero y'ikirundi.

Bwana Karerwa avuga ko umukuru w'igihugu Petero Nkurunziza anegura inyifato y'abanyeshure bitaburiyeko imyambaro y'ishure.

Uwufise ububasha kw’isanamu Social Media
Image caption Hari umutegetsi w'ishuri wavuze ko ata mpapuro z'umutsindo bazoha abo banyeshure, undi avuga ko ico ari co gihano gihambaye cane

Mu kiganiro yagiranye na BBC, Bwana Karerwa amenyesha ko ata ngingo zizofatirwa abo bana.

Ati "abana ni abo Uburundi, baragavye, bakoze ibidakorwa, mugabo igito gitabwa iwabo. Tuzobwira abavyeyi babo babafatire ingingo muhira, babahanure, ico nico gihano gihambaye cane".

Karerwa avuga ko gufatira izindi ngingo aba bana ari ukwihuta cane.

Ati: "Mu bisanzwe nta ngingo iteye kubiri n'agateka ka zina muntu ishobora kuja mu ngiro. Umwana agize amakosa nk'arya, igihano si ukumwima urupapuro rw'umutsindo".

"Tworemesha abana ko ata ngingo ruhasha bazofatirwa".

Ibindi bisa n’ibi