Inyabu zihuriye hehe no guhona, ubusumyi bw'urusaku canke Isaac Newton?

Inyaba isa n'iyatamariwe iriko irakina ivyo kwinyegeza mu gikarato Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Inyabu: Ziracengera muri internet umunsi ku yundi, ntizitinya abantu kandi birazwi ko zidahababuka.

Twakwirikiranye ico kiremwa imyaka 9000 kandi vyagaragaye ko kiri muri bike bikunzwe cane kw'isi hose - n'ubwo zimara umwanya munini zisinziririye.

Ariko none woba uzi iki ku nyabu? Ibi ni bimwe mu bintu bitangaje kuri zo...

1. Iyo ijoro rikinje mu kibanza co gusamiramwo akayaga ca Disneyland, inyabu 200 zirekurirwa gufata imbeba zaho zose

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Akazi k'ijoro karatanguye hano

2. Umugwi w'inyabu zigendana.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Inyabu zo kw'izinga rya Santorini, mu Bugereki ziriko ziriryohera zirabira ubwiza bwo muri ico kibanza

3. Inyabu zirekura icuya giciye mu binono.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ndiko ndiruhukira nikura akuya

4. Inyabu zishobora kurya ikintu zibanje kugihonja incuro gatatu, zikakirya ku ncuro ya kane. Ushaka kuyiha umuti rero, shira akanini kawe mu kamanyu kagira kane k'ivyo uyifungurira ...

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ndafungura inyuma yanyu

5. Wibaza ko inyabu iryama umwanya ungana iki? Ugereranije, ni ibice 70% vy'umunsi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Nshobora gusinzira umunsi wose....mbere ngira niryamire

6. Amasobe y'inyabu ararabagirana nk'umuco iyo amuritswe n'imishwarara ifise ubushobozi buri hejuru y'ubwo imishwarara isanzwe iboneka n'amaso (ultra violet).

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Rindira bwire

7. Inyabu yose y'intungano, ishobora kugaragaza isano hagati yayo n'inyamanswa zitanu zo mu bwoko bw'intare zo muri Afirika.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Bifitanye isano ritari irya kure ...

8. Inyabu ntizisoserwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption None?

9. Inyabu z'ingore zikunze gukoresha ukuboko kw'iburyo, nayo ingabo zigakoresha ibanfu.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Womenya nimba ari ukuryo canke ukubanfu?

10. Inyabu ntigira igufa ryo mu rutugu

.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption ...niyo mpamvu dushobora kwiyorosha tugaca mu dutoboro dutoya cane

11. Biravugwa ko Isaac Newton ariwe yoba yaravumbuye ubuhinga bwo gukora agatoboro k'inzu kiyugara inyabu zishobora kwinyavyamwo zija hanze. Ariko rero uturaro two hanze n'inzugi zo ku nzu vyamye bifise agatoboro inyabu zoshobora gucamwo, no mu bihe vya kera.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umugenzi wanje Isaac niwe yavumbuye kano gatoboro kanfasha

12. Ubwoya bushobora kuzitana n'ibindi inyabu yamize, bikaja mu nda bikiremamwo ikintu cibumvye kigoye gusohora, kizwi kw'izina rya 'trichobezoar'

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Urabizi nawe

13. Inyabu y'ingore bayita 'molly'-umwamikazi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Nyene ndi umwamikazi wa hano mu rugo

14. Inyabu zirashobora kunywa amazi yo mu nyanja. Amafyigo yazo arashobora kuyungurura amazi arimwo umunyu mwinshi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Jewe simeze nk'abantu, hari ivyo ndabarusha ubushobozi

15. Mu biro vy'uwuserukira Hollande i Moscow, inyabu zaguma ziharagura ku ruhome. Bakoze amatohoza basanga hari ama mikoro yanyegejwemwo n'abasumyi b'urusaku.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Nari nababwiye ko hari ikintu kidasanzwe ngaha!

16. Inyabu nizo zagize uruhara mu guhona ku bwoko bw'ibinyabuzima bigera ku 33, harimwo ubw'ibikoko vyonsa hamwe n'ubw'inyoni. Inyabu zishirwa ku rutonde rw'ubwoko 100 bw'ibikoko bibangamira ibindi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ntimuhendwe n'uko zibereye ijisho, inyabu n'inyanswa mbi mu kwica.

Mu bisanzwe tubana n'inyamanswa z'ubwenge bw'igitangaza zishobora kudukuraho bitazigoye ziramutse zivyitumye, ariko tugira Imana ko atavyo zinezwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ntiwijajare

Ibindi bisa n’ibi