Umushingamateka muri Kenya ashaka itegeko rigenzura "guhemera hepfo" mu ndenge

Umushingamateka Lilian Achieng Gogo Uwufise ububasha kw’isanamu Inama nshingamateka ya Kenya
Image caption Umushingamateka Lilian Achieng Gogo avuga ko gusura mu ndege bishobora gukwega ikibazo c'umutekano

Umushingamateka wo muri Kenya yasavye ko hashirwako itegeko rifasha abakora mu ndege guhangana n'ikibazo c'ingenzi zihemera hepfo ziri mu ndege, bizwi kandi nko gusura.

Lilian Achieng Gogo, umushingamateka w'akarere ka Rangwe mu burengero bwa Kenya, yabariye inama nshingamateka ko ingenzi zisura mu ndege zisigaye ari nyinshi, bigateza ikibazo c'umutekano kubera ingorane bitera izindi ngenzi.

Yagize ati: "Hari ikintu kitagwa neza cirengagizwa kenshi, ico naco akaba ari urugero rwo gusura mu ndege... Iki kibazo nikititabwaho neza kizoteza kumererwa nabi hamwe n'umutekano muke mu ndege."

Uwo mushingamateka yariko ashikiriza iciyumviro kw'itegeko rigenga ivyaha bikorerwa mu ndege.

Mu nyishu yashikirije kuri ico kibazo harimwo imwe ivuga ko abakora mu ndege boha ingenzi imiti ibuza gusura.

Yabandanije ati: "Twari dukwiye kugira ivyo kurya vyihariye bitangwa mu ndege kandi tukagira n'uburyo bw'imiti igabanya urugero rw'imyuka umuntu ashobora gusohora ari mu ndege."

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umushingamateka Gogo avuga ko gusura bishobora gutuma ingenzi zitana mu mitwe

Madamu Gogo yasiguye ko umusurwa ari ikinti kibangamye cane ku buryo gishobora no gutuma ingenzi zitana mu mitwe.

Mu majambo make yagize ati: "Gusura mu ndege ni icago gikomeye. Twari dukwiye kugira imiti nka Eno... ego ibi vyari bikwiye gukorwa kandi ni ikintu gikwiye gushirwa mu mategeko."

Uwo mushingamateka kandi ashaka ko indege zose zifata ingendo zo mu gihugu hagati hamwe na mpuzamakungu zogira abaganga, hakanagenzurwa urugero rw'inzoga ingenzi zihabwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Universal History Archive
Image caption Mu myaka ya kere i Buraya gusura mu bantu vyafatwa nko guhemuka gukomeye

Yagize ati: "Kunywa inzoga bibera mu ndege birakabije, birengeje ibikorerwa ngaha ku butaka. Twari dukwiye kugira uburyo budufasha kugenzura ico kibazo.

"...hari hakwiye kandi gutangwa impapuro zerekana kahise k'amagara y'ingenzi zo mu ndege imbere y'uko zihabwa inzoga zimwe zimwe ku nyungu z'umutekano wazo bwite."

Ivyo bisabwa n'uwo mushingamateka ntaco biravugwako na bagenzi biwe.

Ibindi kuri iyi nkuru