Trump agiye kugirwako amatohoza ashobora gutuma abogozwa

Pelosi na Trump Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Abashingamateka b'aba Démocrates muri Amerika batanguye amatohoza kuri Prezida Donald Trump ku vyo yagirizwa ko yasavye igihugu ca Ukraine kumufasha kurwanya uwutavuga rumwe nawe.

Nancy Pelosi, umukuru w'inama nshingamateka w'ico gihugu avuga ko "umukuru w'igihugu ategerezwa kwisigura ku vyo yagirizwa".

Bwana Trump arahakana ivyo yagirizwa akavuga ko bariko baragerageza "kumucafuza".

Mu gihe aba Démocrates bashigikiye cane ayo matohoza mu nzira y'ukurondera ko abogozwa, biragoye ko agira ico ashitseko kuko ashobora kuburizwamwo na Senat igwiriyemwo abo mu mugambwe wiwe w'aba Repubulkika.

Bwana Trump yagirizwa ko mu kiganiro yagiranye n'umukuru w'igihugu ca Ukraine yamuteye uboba ko azohagarika imfashanyo ya gisirikare.

Aho rero ngo ni ugushaka ko Ukraine ikora amatohoza ku bivugwa ko uwahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu, Joe Biden, n'umuhungu wiwe Hunter bariye ibiturire.

Bwana Trump aremeza ko yavuganye na Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine ku vyerekeye Joe Biden, ariko akavuga ko yamugabishije ko ashobora guhagarika imfashanyo ya gisirikare kugira ahimirize ibihugu vy'i Bulaya gutanga imfashanyo yavyo.

None Nancy Pelosi yavuze iki?

Umupfasoni Pelosi avuga ko Bwana Trump "yarenze amategeko", akavuga ko ivyo yakoze "yaciye kubiri n'ivyo ibwirizwashingiro rimurekurira".

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Nancy Pelosi yahora aterekwa akamo yaterwa ko umukuru w'ico gihugu akorwako amatohoza kugira ngo ashobore kubogozwa

Ati: "Muri iyi ndwi, umukuru w'igihugu yaremeye ko yasavye Perezida wa Ukraine ko yofata ingingo yomworohereza muri politike yiwe. Ategerezwa kwisigura".

Nk'umukuru w'inama nshingamateka, Nancy Pelosi niwe mutegetsi wo hejuru mu mugambwe w'aba Démocrates.

Kuva kera yamye aterekwa akamo yaterwa ko umukuru w'ico gihugu akorwako amatohoza kugira ngo ashobore kubogozwa. Ariko ivyo Bwana Trump yagirizwa ku vyerekeye Ukraine vyatumye aba Démocrates bagifise amakenga bashigikira ko akorwako ayo matohoza.

Trump yishura iki?

Aciye ku rubuga rwa Twitter, Bwana Trump avuga ko aba Démocrates "bashatse kumucafuza n'ukuburizamwo" urugendo rwiwe muri ONU.

Ati: "Nta n'uko barabona urwandiko rw'ivyo twavuganye. Uko ni gucafuza umuntu".

Yemeye ko uno munsi ku wa gatatu ashira ahabona ivyo bavuganye n'umukuru w'igihugu ca Ukraine kugira ngo yerekane ko "ata ngorane zarimwo".

Yishura ku vyashikirijwe na Pelosi, Leader Kevin McCarthy arongoye abashingamateka b'aba Repubulika, avuga ati: "Pelosi ni umukuru w'inama nshingamateka, ariko ntavugira Amerika iyo hageze kuri iki kibazo".

"Nta burenganzira afise bw'ugufata ingingo wenyene ko hakorwa amatohoza y'ukubogoza umukuru w'igihugu".

Ingingo yatangajwe na Pelosi iha umurwi w'amatohoza uburenganzira bw'ugukora amatohoza ku vyo Bwana Trump yavuganye n'umukuru wa Ukraine kuri telephone, kugira ngo umenye nimba yarakoze amakosa ashobora gutuma abogozwa.

Mu gihe ayo matohoza yobandanya, inama nshingamateka irashobora gutora ivyemezo bishobora gutuma abogozwa.

Hagati aho, bitegerezwa kwemezwa na Senat ku bice bibiri kuri bitatu (2/3) - mu gihe yiganziwe n'abo mu mugambwe w'aba Repubulika.