Ibiganirovy'Imvo n'Imvano vyakunzwe cane muri iyi myaka 25 iheze BBC Gahuzamiryango imaze
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Ibiganiro vyakunzwe cane muri iyi myaka 25 iheze BBC Gahuzamiryango imaze

Uyu munsi BBC Gahuzaminryangi ibashikiriza ibiganiro vy'imvo n'imvano vyakunzwe cane, ivyahinduye ubuzima bw'abantu n'ivyagaragaje umwimerere w'itangazamakuru rya BBC muri iyi myaka 25 ishize BBC Gahuzamiryango imaze itanguye.

Nk'uko mwavyumvise mu ndwi iheze niho BBC Gahuzamiryango yahimbaje imyaka 25 imaze itanguye, hari mu kwezi kwa 9 mu mwaka w'i 1994.

Imvo n'imvano yo yatanguye mu mwaka w'i 2000. Yatanguye ari iminota 30, inyuma y'imyaka 7 yongererwa iyindi minota 30, iba isaha, nk'uko bimeze gushika ubu.

Kino kiganiro kandi kiraha akanya bamwe mu batwandikiye bashaka kugira ico bavuga kuri isabukuru ya BBC Gahuzamiryango - ikiganiro Imvo n'Imvano. Mwagiteguriwe kandi mugishikirizwa na Felin Gakwaya