Abagore babiri barwaye kanseri y’ibere batanguje ishirahamwe ry’ugufasha abandi barwayi nkabo

Nicky (ibubamfu) na Laura (iburyo) bompi bahanganye na kanseri y'ibere yo mu gice ca 4 Uwufise ububasha kw’isanamu Cancer Research UK
Image caption Nicky (ibubamfu) na Laura (iburyo) bompi bahanganye na kanseri y'ibere yo mu gice ca 4

Abagore babiri barwaye kanseri y'ibere idakira bashinze ishirahamwe bise Secondary Sisters kugira ngo bafashe abandi, ni inyuma y'aho baronkeye ibipimo vyabaciye umutima.

Abongerezakazi Nicky Newman na Laura Middleton-Hughes, bompi b'imyaka 31, bafise kanseri igeze ku rugero rugira kane.

Bisigura ko igeze ku rugero rwo gukwiragira mu bindi bice vy'umubiri nk'amagufa, amahaha, igitigu (canke umwijima mu Kinyarwanda) canke ubwonko.

Igihe Nicky wo mu karere ka Guildford yabwirwa ko kanseri yiwe idashobora gukira kubera yari igeze ku rugero rwo hejuru, avuga ko vyatumye agira "ubwoba budasanzwe".

Abo bagore bompi bizeye ko iryo shirahamwe ryabo rikorera ku rubuga ngurukanabumenyi rizofasha abandi bazoronka inkuru mbi nk'iyi guhangana nayo.

Laura ava i Norwich avuga ko gushinga iryo shirahamwe vyabahaye "akaryo keza k'ukuganira ku vyerekeye kanseri yacu".

Ati: "Twempi tubona ko dufise kazoza kadatomoye, ariko turafise kazoza kandi tuzobaho uko nyene".

"Rero mu gihe twoshobora gufasha n'umuntu n'umwe gusa kwumva amahoro, akumva ko ari umuntu nk'abandi, ico kirahagije".

Abo bagore bompi, bakorana n'umugambi wiswe Stand Up To Cancer.

Ni umugambi w'isekeza ry'ukwegeranya amahera watunganijwe n'ikigo co mu Bwongereza ca Cancer Research UK kijejwe kurwanya kanseri, hamwe na televiziyo Channel 4.

Nicky yagiye kumenya ko afise ikivyimba mw'ibere igihe yari yagiye kwivuza ari kumwe n'umugabo wiwe.

Avuga ko yari yavyiketse n'imbere y'uko abimubwira, aravye ingene muganga yahindutse mu maso.

Uwufise ububasha kw’isanamu Cancer Research UK
Image caption Ibipimo vyo mu cuma birerekana umubiri wa Nicky ufise utudomagu twera twerekana ingene iyo kanseri yakwiragiye mu mubiri

Mu gihe yariko arapimwa, yavuze ko yumva ababara mu mugongo, ariho yaca arungikwa ku muhinga afotora mu mubiri.

Ati: "Umuganga yambwiye ati: 'Sha nta kundi, ntaco nshobora kugufasha'. Vyaciye bintera ubwoba bwinshi".

Ariko, yaciye amuha umuti witwa Palbociclib wari uherutse kwemerwa n'ikigo NHS kijejwe amagara y'abantu mu Bwongereza.

Imiti bariko barafata ishobora kuba yaratumye iyo ndwara itabandanya ikwiragira mu mubiri, ariko ikaba yatumye batazigera bavyara.

Nicky avuga ko igihe yava kwa muganga, yari ababajwe cane n'uko atazoronka akaryo ko kwitwa umuvyeyi gusumba kurwara kanseri.

Mugenziwe Laura yagiye kumenya ko arwaye kanseri yo mw'ibere mu mwaka wa 2014 mu gihe yari mu karuhuko bakamutora ikivyimba.

Baciye bamukura ibere rimwe baranamuvura, kandi arakira neza.

Hagati aho, mu kwezi kwa kane 2016, niho yumva ububabare ku rutugu i buryo bwaguma bwongerekana, baca bamurungika gucishwa mu cuma agapimwa.

Niho basanga afise ikivyimba ku mutwe w'igufa bita 'humerus' rifatanya urutugu n'inkokora.

Ati: "Nagize ubwoba budasanzwe, 2016 wambereye umwaka mubi, umwaka mubi n'ukuri!"

Laura afise ibimenyetso vya kanseri y'amabere vyakwiragiye mu ruti rw'umugongo, mu magufa afatanye narwo no mu gice c'urukenyerero n'amayunguyungu.

Avuga ati: "Hagati aho, ndashima ko imiti ndiko ndafata iriko iramfasha kubandanya mbaho".

Ibindi bisa n’ibi