Shakil Afridi: umuganga yafashije CIA gutora Bin Laden

Muganga Afridi arahakana ivyo yagirizwa akavuga ko atigeze aronswa akaryo ko kuburana Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Muganga Afridi arahakana ivyo yagirizwa akavuga ko atigeze aronswa akaryo ko kuburana

Umuganga wo muri Pakistani yafashije Amerika gutora aho uwari umukuru w'umuhari al-Qaeda, Osama Bin Laden, yari ari, ariyamiriza ipfungwa ryiwe.

Nibwo bwa mbere urubanza rwa Shakil Afridi rwumvirijwe muri sentare. Umucamanza yungururije urwo rubanza ku wa 22 z'ukwezi kw'icumi bisabwe n'abashikirizamanza.

Ico muganga Afridi yakoze cateye impungenge Pakistani. Avuga ko yatswe uburenganzira bw'ugucibwa urubanza rw'ukuri.

Ntiyigeze acirirwa urubanza ku ruhara yagize mu gitero co mu mwaka wa 2011 cahitanye ubuzima bw'umuntu wa mbere kw'isi yariko arahigwa.

Ipfungwa ryiwe ryarababaje Amerika.

Mu gihe yiyamamaza mu mwaka wa 2016, Perezida Donald Trump wa Amerika yari yemereye abanywanyi biwe ko yari gupfunguza muganga Afridi "mu minota ibiri" mu gihe yotorwa - ariko ivyo ntivyigeze biba.

Mu gihe muri Amerika afatwa nk'incungu, muri Pakistani hoho afatwa nk'umuhemu yateje urubwa igihugu ciwe - ingabo karuhariwe z'igisirikare ca Amerika zinjiye muri ico gihugu zica uwagirizwa ko yateguye igitero co ku wa 11 z'ukw'icenda umwaka wa 2001 zisubirira inyuma n'ikiziga ciwe ata camira, ata n'uwuzihagaritse.

Ivyo vyatumye haduka ibibazo bimena umutwe aho abantu bibaza nimba igisirikare ca Pakistani cari kizi ko Bin Laden yari muri ico gihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Osama Bin Laden yagirizwa igitero co ku wa 11 z'ukw'icenda umwaka wa 2001 muri Amerika

Kuva ico gihe, igihugu ca Pakistani cagumye cinuba Amerika n'aho cari gifatanije nayo mu ntambara y'ukurwanya imirwi igendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Isilamu.

None Shakil Afridi ni nde?

Muganga Afridi yari umuganga mukuru mu karere ka Khyber kandi nk'uwujejwe ibikorwa vyose vy'ubuvuzi akaba yarahagarikiye imigambi itari mike y'incanco yari ifashwe mu mugongo na Amerika.

Nk'umukozi wa leta, yatanguje umugambi nk'uyo w'ugukingira indwara y'igitigu (canke umwijima mu Kinyarwanda) yo mu bwoko B, wakorewe no mw'ikambi y'igisirikare yo mu gisagara ca Abbottabad, cagiye kuboneka ko arico Bin Laden yari acumbitsemwo, hafi y'igisirikare ariko nticabica n'ikanda.

Igisata c'igendereza ca Amerika cari gikeneye kuronka amaraso y'umwe mu bana biwe baba mu rupangu rwiwe muri Abbottabad, kugira ngo bashobore gufata ibipimo vya ADN (DNA) vyashobora kwerekana nimba ari uwo mu muryango wa Bin Laden.

Amakuru avuga ko umwe mu bakozi ba Muganga Afridi yashoboye kwinjira muri urwo rupangu arafata ayo maraso - ariko nta wuzi nimba ari co kintu nyamukuru catumye Amerika imenya aho umwansi wayo yari aherereye.

Muganga Afridi yagiye guhagarikwa ku wa 23 z'ukwa gatanu, haciye iminsi 20 Bin Laden agandaguwe. Vyavugwa ko ico gihe yari afise imyaka hafi 50.

Nta vyinshi bizwi kuri kahise k'ubuzima bwiwe, uretse ko ava mu muryango ubayabaye, akaba yarangirije amashure yiwe kw'ishure ry'ubuganga Khyber Medical College mu 1990.

Umuryango wiwe uba mu buhungiro kuva ahagaritswe, ku gutinya ko ushobora guterwa.

Umugore wiwe yakora mu gisata c'indero muri Abbottabad akaba yari arongoye ishure rya leta imbere y'uko aja mu buhungiro.

Bafitaniye abana batatu - abahungu babiri n'umukobwa, ubu babiri muri bo bakaba bakuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Inzu Bin Laden yabamwo n'umuryango wiwe yatewe mu 2011 n'ingabo karuhariwe za Amerika ziramwica zitwara n'ikiziga ciwe (ifoto yo mu 2012)

Mu kwa mbere 2012, Amerika yaremeje ko Muganga Afridi yakoreye urwego rujejwe igendereza rwa Amerika.

Ariko ntibiboneka neza nimba yari azi ikibanza ciwe muri CIA.

Muganga Afridi ntiyari azi uwaronderwa igihe CIA imuha akazi nk'uko bivugwa n'urwego rujejwe igendereza rwa Pakistani.

None yagirijwe iki?

N'aho mu ntango yagirizwa guhemukira igihugu, Muganga Afridi yagiye gupfungwa burundu mu kwa gatanu 2012, yagirijwe ko yakorana n'umurwi w'abarwanyi Lashkar-e-Islam utari wemewe n'amategeko ubu ukaba warazimanganye.

Yaciriwe imyaka 33 y'ugupfungwa kuri ivyo yagirijwe, ariko ico gihano kikaba caragabanijwe gushika ku myaka 23 inyuma y'aho yungururije urwo rubanza.

Muganga Afridi kandi yagirijwe ko yavura inkomere z'uwo murwi w'abarwanyi kandi ko yahora awemerera gukorera amanama mu nyubakwa ya leta yari asanzwe arongoye.

Umuryango wiwe waramiriye kure ivyo birego, abashingwamanza biwe nabo bakavuga ko amahera yonyene yahaye uwo murwi yari ayo ingwati yashika umuliyoni umwe y'amahera ya Pakistani kugira ngo arekurwe igihe afatwa n'uwo murwi mu 2008.

Ari mw'ibohero mu mwaka wa 2012, yoba yarabwiye televiziyo Fox News ko yanyurujwe yongera arababarizwa igufa n'igisata kijejwe igendereza ca Pakistani.

Haciye umwaka, yarashoboye kurungikira abashingwamanza biwe ubutumwa bwanditse n'iminwe, avuga ko yankiwe kuburana.

None kubera iki atagirijwe gufasha Amerika?

Ntibitahuritse neza, ariko iyicwa rya Bin Laden ryarababaje cane Pakistani.

N'aho abategetsi bashavujwe cane n'ico bise ivogera ry'igihugu cabo, vyabaye ngombwa ko urwego rujejwe igendereza rwemera ku mugaragaro ko rutari ruzi ko uyo mukuru wa al-Qaeda yari asanzwe aba muri Pakistani mu kinyegero, mu nzu y'igorofa zitatu, imyaka itari mike.

Umukuru w'igisata kijejwe kurwanya iterabwoba mu biro vy'umukuru w'igihugu vya Amerika, John Brennan, yavuze ico gihe ko vyari ibintu bitumvikana ko Bin Laden atari asanzwe afashwe mu mugongo na leta ya Pakistani, ivyo ubutegetsi bw'ico gihugu buhakana.

Mu mwaka uheze Muganga Afridi yakuwe mw'ibohero ry'ahitwa Peshawar yimurirwa mu rindi riri ahitwa Punjab.

Hari n'ibiganiro vy'uko yorekurwa, bigashoboka ko Amerika nayo ishobora kurekura uwitwa Aafia Siddiqui, yagirizwa ko yari ajejwe igendereza mu murwi al-Qaeda.