Lady Gaga n'umufana bituye hasi bavuye hejuru ku butambiro i Las Vegas, batanguza imitwe

Lady Gaga Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Iki camamare kiremesha igiteramo ciswe Enigma kuva mu kwe cumi na kabiri 2018

Lady Gaga yaraguye atanguza umutwe amaguru aja hejuru agwa mu barorerezi mu giteramo giheruka mu muji wa Las Vegas.

Uwo 'musani' yari yahamagaye umufana wiwe azwi nka Jack ngo aze ku butambiro, aca asimbira mu maboko yiwe - ariko uwo mufana abura intege bose baca batembera hasi.

Umwe mu bariko bararorera igiteramo yanditse agira ati "n'ukuri twari tuzi yuko apfuye".

Ahubwo Gaga yaciye agaruka ku butambiro aririmba indirimbo Million Reasons na Jack amuri impande. Yagize ati "Birahimbaye. Turakundana cane ku buryo twaguye twese tuva ku butambiro."

"Twagwanye mu maboko. Turi nka Jack na Rose bo muri Titanic.

"Ndibaza ko tuza gusangira icayi nyuma y'aha."

Abafana bari bagize ubwoba bibaza ko Gaga yababaye kuko asanzwe afise uburwayi buzwi nka fibromyalgia, uburwayi amaranye igihe butuma ababara umubiri wose.

Ubwo burwayi bushobora kandi gutuma ababa birengeje, akaruha, inyama z'umubiri zikagumirwa, kwibuka bikamugora kandi akabura itiro.

Mu 2013, yahagaritse ibiteramo vy'urukurikirane Born This Way amaze kuvunika ikiyunguyungu.

Uwufise ububasha kw’isanamu ANGELA WEISS
Image caption Lady Gaga asanzwe afise uburwayi buzwi nka fibromyalgia

Ariko uwo muririmvyi kugwa kw'ejo kuwa kane ntaco kwamutwaye, ahumuriza abarorerezi hamwe n'abajejwe umutekano bamufashije guhaguruka.

Kanda ngaha urabe ingene Lady Gaga n'umufana baguye

Yagize ati: "Vyose ni sawa. Ikintu kimwe kitagenda ni uko dukeneye ingazi kuri ubu butambiro kugira nsubire hejuru."

Uwo 'musani' yanahojeje Jack, yari yarenzwe n'umwosori kubera ivyari bihejeje kuba.

Gaga yagize ati: "Ntugire ingorane, vyose ni sawa. Si ikosa ryawe. Urashobora kunyemerera ikintu? Urashobora kwibabarira ubu nyene kubera ibihejeje gushika?"

Nyuma muri ico giteramo, Gaga yarerekanye yuko ukwo kugwa ata na kimwe kwamutwaye aca akora ikarasisi rikomeye ariko araririmba indirimbo yiwe ikunzwe, Bad Romance.

Ibindi bisa n’ibi

Ibindi kuri iyi nkuru