Impfu z'i Essex mu Bwongereza: 39 batowe ibiziga "bamuka mu Bushinwa"

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Ibiziga 39 vyatowe muri iyi kamyo

Abantu 39 batowe bapfiriye mw'ikamyo ikanyisha (ikonjesha mu kinyarwanda) mu karere ka Essex bari bafise ubwenegihugu bw'Ubushinwa, nk'uko bitangazwa.

Igipolisi kibandanya guhata ibibazo umushoferi w'ikamyo Mo Robinson, yafashwe akekwa icaha c'ubwicanyi.

Abapolisi muri Irlande y'uburaruko basatse inzu zibiri kandi urwego rw'inyamiramabi rwavuze ko ruriko ruragerageza kumenya "umugwi w'inkozi z'ikibi wabigizemwo uruhara".

Iyo kamyo yashitse i Purfleet ku ruzi Thames ivuye Zeebrugge mu Bubirigi.

Abaganga batwara rusehabaniha (ambulance) babonye ibiziga 38 vy'abantu bakuze na kimwe c'umuyabaga muri kontineri mu kibanza gikoreramwo inganda ca Waterglade Industrial Park nyuma gato ya 01:30 ku masaha yo mu Bwongereza, kuwa gatatu.

Iyo kamyo n'iyo kontineri yakwega vyavuye ku kivuko ca Purfleet nyuma gatoyi ya 01:05.

Igipolisi kivuga ko igice c'imbere y'iyo kamyo gikwega, caje kiva muri Irlande y'uburaruko gitora iyo kontineri kiyikuye Purfleet.

Uwufise ububasha kw’isanamu Facebook
Image caption Uwo mushoferi w'ikamyo vyavuzwe ko yitwa Mo Robinson, wo mu karere ya County Armagh

Umwe mu barongozi ba komine, Paul Berry, yavuze ko ikigwati ca Laurelvale kiri County Armagh, aho umuryango wa Robinson uba, "caguye mu gahundwe".

Yavuze ko yavuganye na se wa Bwana Robinson, yamenye ko umuhungu wiwe yafashwe ku wa gatatu biciye ku mbuga hwaniro.

Yagize ati "Abatuye akarere bizera ko [Mo Robinson] yafatiwe mu vyo atazi ariko ivyo biri mu minwe y'igipolisi ca Essex, kandi turabirekera abahinga kugira bagerageze gufata abakoze ayo mahano."

Ibiro vy'umushinjacaha wa Republika mu Bubirigi vyavuze ko vyatanguje itohoza ryibanda ku batunganije ico gikorwa hamwe n'abandi bose boba baragize uruhara mu kwunguruza abo bantu bapfuye.

Ntibiramenyekana neza igihe abo bantu bashiriwe muri iyo kontineri canke niba vyabereye mu Bubirigi.