Umuganga wo muri Portugal yahagaritswe mu kazi kubera umwana yavutse atagira mu maso

Ifoto y'umuganga ariko arasuzuma umwana ari mu nda (ultrasound) Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Hariko harakorwa amatohoza ku bundi buvuzi uyu muganga yagizemwo uruhara

Uganga wo muri Portugal ajejwe kuraba uko imbanyi itera imbere (obstetrician mu congereza) yahagaritswe mu kazi nyuma y'ukuvuka kw'umwana atagira izuru, amaso hamwe n'igice c'agahanga.

Abavyeyi b'uruyoya Rodrigo ntibigeze bamenya ko uwo mwana afise ubumuga budasanwe mu maso gushika avutse mu ntango za kuno kwezi.

Urwego rujejwe abaganga rwahisemwo guhagarika Dr Artur Carvalho kuvyagiriji vy'uburangare canke gufata ibintu minenerwe.

Vyamenyekanye ko hazanywe ibindi birego, bimaze nk'imyaka cumi, vyerekeye izindi nzoya.

Amakuru y'ivyo birego, yashizwe ahabona n'ibitangazamakuru vyo muri Portugale, yateye ishavu abantu benshi.

Dr Carvalho ntaragira ico avuga ku mugaragaro kuri ivyo vyagiriji kandi BBC ntirashobora kumuvugisha ubwiwe.

Ni ibiki vyabaye kuri Rodrigo?

Rodrigo yavutse itariki 7 z'ukwa cumi, avukira ku bitaro vya São Bernardo i Setúbal, nko ku birometero 40 werekeza mu bumanuko bwa Lisbone.

Nyina yari amaze gusuzumwa na Dr Carvalho inshuro zitatu akoresheje uburyo bwo kuraba imbere mu mbanyi, bizwi nka ultrasound scan.

Uwo muganga niwe yamwitayeho mu mezi yose imbanyi yamaze, mu bitaro vyigenga, kandi be n'umugabo bavuze ko uwo muganga ata kibazo na kimwe yigeze avuka ko gihari, ku bijanye n'amagara y'umwana yari mu nda.

Bivugwa ko uwo muvyeyi yakoresheje ibipimo inshuro igira kane, ubu hoho hakoreshwa ubuhinga bwisununuye bwa 5D ultrasound, ku bindi bitari igihe imbanyi yari ku mezi atandatu.

Muri ukwo gupima niho vyaboneka ko hashobora kuba hari ibibazo, ariko Dr Carvalho aravyiyamiriza ababwira ko ata ngorane.

Nyinabo wa Rodrigo yabwiye ibiro ntaramakuru AFP ati: "Yasiguye ko rimwe na rimwe ibice vyo mu maso bitaboneka (muri ultrasound)... iyo mu maso h'umwana bafashe ku nda ya nyina."

Nyuma y'ukuvuka kwa Rodrigo n'ubumuga bwiwe bumaze kugaragara, bivugwa ko abavyeyi biwe babwiwe ko azobaho amasaha ane gusa.

Ariko, nyuma y'indwi zibiri, uwo mwana w'umuhungu aracariho afashwa n'abaganga.

Bivugwa ko abavyeyi biwe bashikirije ikirego mu biro vy'ubushinjacaha bwa Portugal, barega Dr Carvalho.

Ibindi bivugwa ko uyu muganga yagizemwo uruhara ni ibihe?

Mu gihe ishavu ryari ryinshi kubera ikibazo c'uruyoya Rodrigo, ibindi birego vyerekeye Dr Carvalho vyagiye ahabona.

Ibirego bishika kuri bitandatu bijanye n'ivy'ubuvuzi vyarashikirijwe, bikaba ari ivyo mu mwaka wa 2013, nk'uko bivugwa n'abajejwe ivy'amagara.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Hari abandi bavyeyi nabo bagiye baravuga ivyababayeko bibabaje

Abandi bavyeyi nabo bagiye ahabona basangira inkuru zabo n'ibitangazamakuru vyo muri Portugal ku vyagiriji bashinja Dr Carvalho, bavuga ko yananiwe kubona ibibazo imbanyi zabo zari zifise.

Mu kirego kimwe havugwa umwana yavutse mu 2011 afise mu maso hadasanzwe, amaguru agoramye kandi ubwonko bwiwe bwarononekaye cane.

Nyina, yitwa Laura Alfonso, yabariye ikinyamakuru Publico yuko yashikirije ikirego ku caha c'ubukozi bw'ikibi ashinja uwo muganga ngo ariko umushikinjacaha ntiyacakira.

Uwo mwana ubu afise imyaka umunani, akaba amaze kubagwa inshuro nyinshi ariko gushika ubu ntashobora kuvuga nk'uko nyina abitangaza.

Hari ikindi kirego aho umwana yapfuye haciye amaze makeyi avutse mu 2007, bivugwa ko casubijwe inyuma kidashitse mu rubanza nk'uko ikinyamakuru Publico kivyandika.

Ibi vyose vyakiriwe gute?

Aka kamaramaza kashavuje benshi muri Portugale. Vyatumye hibazwa ibibazo bijanye n'ukuntu igisata c'amagara muri ico gihugu gikora, co kimwe n'intambwe zikurikizwa mu gushikiriza ibirego vy'abatashimye ubuvuzi bahawe.

Miguel Guimarães, umukuru w'ishirahamwe ry'abaganga muri Portugale (Ordem dos Médicos), mu ndwi iheze yahaye ikiganiro abamenyeshamakuru aho yavuze ko yavuganye ubwiwe na Dr Carvalho, uravye umwitwarariko ico kibazo giteje mu gihugu.

Yavuze ko uwo muganga yemeye guhagarika kwakira abavyeyi bipimisha mu gihe itohoza ribandanya.

Urwego rujejwe inyifato rw'iryo shirahamwe rwaciye ruhura mu ntango z'ino ndwi rwumvikanira hamwe ko Dr Carvalho yari akwiye guhagarikwa indwi zitandatu mu gihe amatohoza abandanya.

Ibindi bisa n’ibi

Ibindi kuri iyi nkuru