Imiryango y'abanya Vietnam batowe ibiziga mu Bwongereza iri mu gahinda

Le Minh Tuan, yibaza ko umuhungu wiwe, Le Van Ha, yoba ari mu bapfiriye muri Essex Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Le Minh Tuan, yibaza ko umuhungu wiwe, Le Van Ha, yoba ari mu bapfiriye muri Essex

Mu nzu y'umuryango wa Le Van Ha, bari mu gahinda gakomeye mu gihe bacibaza ko bishoboka ko yoba yari mu bantu 39 batowe ibiziga mu gice c'inyuma c'ikamyo mu karere ka Essex mu Bwongereza.

Inakuru yitegereje ikirere, yifuka mu maso. Umugore wiwe Ha we yicaye ata gukura ururimi mu kanwa, yananse no kugira ico ashira ku munwa.

Se wiwe, Le Minh Tuan yahobereye akuzukuru kiwe ararira kubera kwihebura.

Le Van Ha, gushika aho ivyo urwo rugendo bimenyekaniye, inkuru yiwe yari nk'iyo abandi benshi bakiri bato muri Vietnam, baturuka mu bice nk'ibi vyo hagati mu gihugu bikenye.

Yakurikiye inzira icamwo benshi cane, baharurwa mu bihumbi, bagiye mu mahanga barondera imibereho mu bihugu vya Bulaya, imbere gatoya cane y'uko umuhungu wiwe w'ubuheta avuka.

Umuryango wiwe warinze gusaba ingurane kugirango wubake inzu, nayo urugendo rwiwe, yafashijwemwo n'abakora ubusuma bwo gutwara abantu mu kinyegero, yarutangiye amadorari $25,000 -amafranga menshi Le Minch Tuan yarinze kugurana ibivi bibiri kw'itongo ryiwe.

Ikintu icarico cose bakizeye kuri Le Van Ha amaze kubona akazi keza, akishura ayo madeni yose. Asa n'uko isi yamuguyeko.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Le Minh Tuan, se wa Le Van Ha, yari akwije imyaka 30, afise impungenge nyinshi ko yoba yaguye muri 39 batowe ibiziga muri kamyo yafatiwe muri Essex mu Bwongereza

Le Minh Tuan yavuze ati:"Yadusize turi mu madeni menshi cane." Ati: " sinzi nimba kuriha aya mafranga tuzobivamwo, ndashaje, amagara arankitse, nkaba mbwirizwa gufasha kurera abuzukuru yansigiye."

Le Minh Tuan yumva ko umuhungu wiwe yapfuye ata n'ibindi. Yaronse ubutumwa kuri Facebook gatoyi imbere y'uko umuhungu wiwe agenda, amubwira ko yerekeje mu Bwongereza.

Birakekwa ko mu bapfuye, abenshi ari abo mu kirwati kimwe ca Yen Thanh, mu ntara ya Nghe An.

Ababanyi bakomeza kuhaza baremesha abaho banabasengera.

Iyo ni ifoto ya Bui Thi Nhung, umukobwa w'imyaka 19, niyo umuryango wiwe washize aho bashinze ikibanza co kumwibukiramwo, basenga basaba ko atoba mu bari muri iyo kamyo yatowemwo ibiziga.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Bui Thi Nhung nawe yaturuka mu ntara ya Nghe An

Umuvukanyi wiwe Bui Thi Loan, avuga ko yahanahanye ubutumwa bugufi nawe kuri Facebook kuwa 21 z'ukwa cumi, aho yamubwiye ko ari 'mu bubiko'

Avuga ko bagifise icizere kuko ata makuru yizewe aratangwa, kiretse ivyo babonye kuri internet, ari nayo mpamvu bagifise icizere.

Ngo bamenye amakuru ko hari ikamyo zitatu zerekeje mu Bwongereza ico gihe, ari nazo mpamvu bafise icizere ko ashobora kuba yari mu yindi kamyo.

Mwenewabo wa Nhung avuga ko ariwe yari abangutse kandi azi ubwenge mu bana bane bavukana, kandi yari afise abagenzi benshi bamufashije kugirango ashike ku gitigiri c'amafranga yari akeneye y'urugendo, umuryango utarinze gufata amadeni.

Ubu rero bizeye kwumva inkuru nziza, canke bibaye ari ivyago, bakaronswa ubushobozi bwo kugarukana ikiziga muri Vietnam.

Amazu yubatswe vuba muri aka gace, ni ikimenyetso c'amafranga abwirizwa gukorerwa ava mu mahanga. Ubwongereza nico gihugu ca mbere bakunda kwerekezamwo.

Bamwe muri bo bamaze igihe mu Burusiya, Romaniya, aho bavuga ko hagoye cane kuronka akazi gahemba neza.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umugore ari imbere y'inzu ikiriko irubakwa mukarere ka Yen Thanh

Bavuga ko mu Bufaransa batotezwa n'igipolisi, kubera kuba mu gihugu batabifitiye uruhusa.

Ariko mu Bwongereza, bavuga ko hari umugwi munini w'abantu baturuka muri Vietnam ndetse n'ubuzi, haba mu mazu y'uburiro uburimyi, amaduka yo gutunganya inzara n'ibindi...

Ababafasha kujabuka bari mu gisenge kinini co mu kinyegero, baca amafranga menshi cane abantu bajabuka imbibe bidaciye mu mategeko.

Amafranga abantu batanga ari hagati ya £10,000 na £30,000.

Abenshi baca mu Bushinwa bakiva muri Vietnam. Ariko bamaze gushikira English Channel, nta yandi mahitamwo baba bagifise atari kuja mu za konteneri, ata kuraba ayo babwirizwa kuriha.

Inyuma y'aho inkuru y'ikamyo yatowemwo ibiziga muri Essex imenyekaniye, umushikiranganji wa mbere wa Vietnam Nguyen Xuan Phuc, yasavye ko haba itohoza mu bakora ben'urwo rudandazwa rwo gutwara abantu mu kinyegero.

Ariko ico kibazo cabaye ingorabahizi kuva kera, mbere kikabamwo n'abana n'abagore.

Vietnam yatakaje ikibanza mu cegeranyo c'ubutegetsi bwa Leta zunze Ubumwe za Amerika kuri ico kibazo c'urudandazwa rw'abantu.

Ingingo izo arizo zose leta ya Vietnam ifata, itimbi ry'amafranga rivanwa muri ico gikorwa rituma kigora kurwanywa muri Vietnam.

Ibindi kuri iyi nkuru