Icigwa kivuga ko abagabo batwenza kurusha abagore

Kevin Hart Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umunyarwenya Kevin Hart bivugwa ko afise itunga riharurirwa mu $59m (£45.7m)

Hari icigwa kivuga ko abagabo batwenza kurusha abagore, ariko kandi ngo ntibisigura ko buri mugabo atwenza kurusha buri mugore.

Hihwejwe ivyavuye mu vyigwa bitandukanye aho abantu basabwe guha amanota ibintu bitwengeje vyavuzwe n'abagabo n'abagore - ariko mu ntango ntibabwirwa igitsina c'uwabivuze.

Abashakashatsi basanze 63% vy'abagabo baratwengeje kurusha umugore asanzwe.

Ico cigwa cihweje abantu basanzwe hako cofatira ku batwenza babigize umwuga, ariko Marina Bye, umwe mu batunganya igikino co gutwenza mu mugwi Siblings, avuga ko yumva ico cigwa kidakenewe.

Yabwiye ikiganiro ca BBC Radio 1 citwa Newsbeat ko "mu mwugwa wo gutwenza ivyo ari ibintu bidakenewe na gato."

Atewe impungenge n'uko bishobora gutuma abagore badebukirwa ntibaje muri uwo mwuga.

Abandanya ati "Uba ukeneye ko abazi gutwenza cane n'abatabizi bose bagerageza kuko ntiwomenya. Iki cigwa kizotuma ukurinda guhera.

"N'ukuri nibaza ko bidakenewe gukora icigwa nk'iki. Bari gukora ikintu giteza imbere."

Uwufise ububasha kw’isanamu Lily Bertrand Webb
Image caption Marina na Maddie Bye bagize umugwi wo gutwenza Siblings

Abashakashatsi bo kuri Kaminuza ya Aberystwyth na Kaminuza ya North Carolina bihweje ivyigwa 28 vyibanze ku bantu bashika ku 5.000 batwenza.

Bashaka kuraba niba ibisanzwe vyibazwa vy'uko abagabo batwenza kurusha abagore, ari ukuri.

Yandika mu kinyamakuru Psyhology Today, uwurongoye ubushakashatsi Dr Gil Greengross yavuze ati: "Uku kwibaza uko ibintu bimeze guterwa n'abagabo n'ababore - ariko nyene, kuba bivugwa ntibisigura ko ari vyo."

Mu vyigwa vyinshi bihweje, abagabo n'abagore babajijwe kwandika akantu gatwenza kajanye n'igicapo - abatanga amanota bigenga baca bahitamwo ibitwenza kurusha ibindi bataravye igitsina c'uwavyanditse.

Dr Gil avuga ko ivyo babonye ariko "hafatiwe ku vyo tuzi neza, ugereranije, abagabo basa n'uko basumvya abagore guhinyanyura ibintu bitwenza".

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Dr Gil avuga ko umunyarwenya Sara Pascoe agomba kuba "atwenza kurusha 99% vy'abagabo bose"

Avugana n'ikiganiro Radio 1 Newsbeat kuwa kabiri, yongeyeko ati: "Mu majambo atomoye, ibi vyose ntibishatse kuvuga ko' abagore badatwenza'... birazwi ko hari abanyarwenya b'abagore batwenza cane kandi ndazi benshi muri bo bwitwe.

"Sarah Parcoe, nk'akarorero, ni umunyarwenya akomeye kandi ndibaza ko arusha gutwenza 99% vy'abagabo bose kw'isi... gusa ni uko ugereranije usanga hari ubwo budasa."

Avuga ko ibimenyetso vyerekana ko kuba ushobora gutwenza "bifise uruhara runini mu mibonano mpuzabitsina".

Uyu muremeshabiyago avuga ko kenshi usanga abagore mu guhitamwo uwo bakundana baraba ingene atwenza kuko "bigirana isano no gukerebuka".

"Abagabo, ku rundi ruhande, bakunda abagore batwenga urwenya rwabo.

"Bisigura yuko muri kahise k'ingene twateye imbere nk'ikiremwa muntu, abagabo bagomba kuba barahiganwa cane n'abandi mu kwereka abagore ko bazi gutwenza."

Ibindi bisa n’ibi