Islamic State yemeje urupfu rwa Baghdadi ishurako umusubirira

Abu Bakr al-Baghdadi Uwufise ububasha kw’isanamu Amerika/Reuters
Image caption Abu Bakr al-Baghdadi yariyahuye nyuma y'aho abasirikare kabuhariwe ba Amerika bamusangiye mu buraruko bushira uburengero bwa Siriya

Umugwi Islamic State (IS) wemeje urupfu rw'umurongozi wawo Abu Bakr al-Baghdadi, uca unatangaza uwumusubirira.

Abakorana na IS ku rubuga hwaniro Telegram batangaje ko Abu Ibrahim al-Hashemi al-Qurashi ari umukuru mushasha w'uwo mugwi hamwe n'icibare cawo.

Abasirikare kabuhariwe ba Amerika basanze Baghdadi mu buraruko bushira uburengero bwa Siriya mu mpera z'indwi, bagaba igitero ku rugo rwiwe.

Uwo murongo wa IS yaciye ahungira mu nzira iri mu kuzimu aca ariyahura mu guturitsa umukandara wari utezeko ibisasu.

Baghdadi yatangajwe nk'umurongozi w'uwo mugwi w'intagondwa mu 2014 igihe IS yigarurira ibice binini vya Irake na Siriya ica ishirako ubutegetsi bwayo.

Mu butumwa bw'amajwi, IS yanemeje urupfu rw'umuvugizi Abu al-Hasan al-Muhajir - yiciwe mu kindi gitero cagabwe na Amerika n'Abakurde itariki 27 z'ukwa cumi.

Uwo mugabo afise amamuko muri Arabi Saudite vyavugwa ko ari we yari kuzosubirira Baghdadi.

Umuvugizi mushasha wa IS Abu Hamza al-Qurashi yahamagariye aba Islamu kurahirira gukurikira Abu Ibrahim al-Hashemi.

Abu Ibrahim al-Hashemi al-Qurashi ninde?

Izina rya Hashemi ntirizwi mu nzego mpuzamakungu zijejwe umutekano, kandi vyibazwa ko ari izina ry'ubuhizi ryo ku rugamba (nom de guerre).

IS nta makuru menshi yatangaje ku murongozi wayo mushasha canke ngo itange ifoto yiwe, ariko yavuze ko ari umurwanyi wa kera wa jihad amaze kurwana n'abanyaburaya.

Uwo mugwi kandi wamenyesheje ko avuga ko yamuka mu muryango wa Quraysh w'Umuhanuzi Muhammad - ibintu mu bisanzwe bifatwa n'abigisha b'umurongo wa kera wa Sunni, nk'ikintu nyamukuru kugira ube umu caliph.

Uwo nawe ni umurongozi wa politike n'idini w'icibare ca Islamu canke caliphate.

Hagiye gukurikira iki?

IS yatangaje ko ishinze icibare "caliphate" - leta itwarwa hakurikijwe itegeko rya Sharia - nyuma yo gufata igice kinini cane ca Irake mu 2014.

Yaciye itangaza ko Baghdad ari "Caliph Ibrahim" inasaba ko aba Islamu bose bo kw'isi bayiyoboka.

Naho icibare yari yikebeye yacatswe mu kwezi kwa gatatu, IS uracari umugwi umenyereye urugamba kandi wifashe neza.

Uwo mugwi uracafise abanywanyi bari hagati y'14.000 na 18.000 muri Irake na Siriya hamwe n'abanyamahanga bashika 30.000 nk'uko bivugwa n'icegeranyo ca Amerika giheruka.

Ibindi bisa n’ibi