Ukwezi kwa cumi muri Afrika kwaranzwe n'imyuzure idasanzwe: Abahinga barasigura

Imyuzure muri Republika ya Centre Afrique Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Muri Afrika henshi biragoye kumenya imvura yaguye uko ingana kuko ata buryo bwo gupima

Imyuzure yatewe n'amasegenya muri Afrika mu kwezi kwa cumi guheze yatumye ibihumbi amajana vy'abantu bateshwa izabo nayo abarenga 180 bahasiga ubuzima.

Twegereye abahinga ba BBC mu vy'ikirere bakora mu gisata BBC Weather ngo badufashe gutegera uko ibintu vyifashe.

Mbe imvura yaguye ingana gute?

Biragoye gutanga ibitigiri nyavyo ku mugabane wose. Ibiharuro vy'ukugwa kw'imvura ku mugabane wa Afrika kenshi ntivyoroshe kuboneka nko mu bindi bice vy'isi.

Nk'akarorero nta biharuro vy'uko imvura igwa bishobora kwizerwa bibaho muri Somaliya, ahantu havuzwe imyuzure yononye vyinshi kurusha ahandi.

Ariko ibitigiri biraboneka muri Kenya, bikerekana ko haguye imvura nyinshi cane.

Ku tariki 16 z'ukwa cumi, umuji w'ikivuko wa Mombasa waguyemwo imvura ingana 100mm - iyo ikaba ingana n'imvura igwa mu kwezi kwose, ariko igwa umunsi umwe gusa.

Ni iki cateje iyo myuzure

Ukwezi kwa cumi ni ukwezi kugira kabiri kw'igihe c'imvura henshi muri Afrika yo hagati - muri vyinshi mu bihugu vy'ubuseruko bwa Afrika, urwo rushana rushika mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Ibintu vyinshi bishika mu kirere muri ico gice ca Afrika, bigira ingaruka ku bihe vy'imvura.

Kimwe muri ivyo gishobora guteza imvura nyinshi, ni ikintu kiba mu bihe vy'ikirere kizwi nka "positive Indian Ocean Dipote (IOD)", gishika iyo igice c'uburengero bw'ibahari Indiana gishuha cane kurusha igice c'ubuseruko.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Biragoye kwemanga ko ari ihindagurika ry'ikirere, ariko iyo ubushuhe bwiyongereye bijana n'imvura idasanzwe

Ntibizwi neza niba ibi ari vyo vyoba vyarateje imyuzure iheruka ariko biratuma amahirwe y'uko imvura yogwa ari nyinshi aca yiyongera.

Hari ibindi bigize ibihe vy'ikirere, harimwo el Nino, bishobora kuba navyo vyarabigizemwo uruhara.

Ihindagurika ry'ikirere ryoba ari yo mpamvu?

Vyama bigora kwegeka neza na neza ukugwa kw'imvura nyinshu ahantu hanaka ku guhindagurika kw'ikirere, ariko turashobora kuvuga ku bisa n'ivyibonekeza kenshi.

Mw'isi irimwo ubushuhe, twokwitega ugutoha kwa cane mu mwuka uri mu kirere ivyo navyo bigatuma twitega imvura iza iragwa ku buryo budasanzwe.

Ibindi kuri iyi nkuru