Umugwi w'abanyepolitike bo mu Bwongereza wasavye irekurwa rya Byabagamba na Rusagara

Inyubakwa ikoreramwo inama nshingamateka na nkenguzamateka z'Ubwongereza Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abo bashingamateka n'abakenguzamateka bo mu Bwongereza basaba Prezida Kagame kurekura abo basirikare ku bw'ikigongwe

Umugwi ugizwe n'abashingamateka hamwe n'abakenguzamateka batandatu b'Abongereza wandikiye ikete umukuru w'igihugu c'u Rwanda, Paul Kagame, umusaba kurekura abahoze ari intwazangabo babiri bari mw'ibohero.

Frank Rusagara - yigeze kuba ajejwe kwivuna abansi mu biro biserukiye u Rwanda mu Bwongereza - na Tom Byabagambe, haciye imyaka itanu bafashwe.

Bagirijwe gukwirakwiza ibihuha hamwe no gucafuza isura y'igihugu c'u Rwanda na leta yaco.

Sentare ya gisirikare yabakatiye ibifunga vy'imyaka 20 na 21 uko bakurikirana.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Tom Byabagamba aregwa gusebya igihugu
Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Frank Rusagara (i buryo) aregwa ibyaha birimo gukwiza ibihuha

Aba banyepolitike bo mu Bwongereza, bagizwe n'abashingamateka hamwe n'abakenguzamateka, bavuga ko ivyo bipfungo bikabije ugereranije n'ivyo baregwa.

Bavuze ko batewe impungenge n'amagara y'abapfunzwe, bagasaba Prezida Kagame kubarekura ku bw'ikigongwe.

Leta y'u Rwanda yasubije iki?

Ibicishije ku bushikiranganji bujejwe ubutungane, leta y'u Rwanda yanditse ikete isubiza uwaserukiye umugwi w'abo bashingamateka b'Ubwongereza.

Mw'iryo keye, ubwo bushikirangani bwavuze ko mu gihe ivyo basaba vyokurikizwa hoba habaye kwivanga mu biraba ubutungane.

Ngo ivyo navyo leta canke umukuru w'igihugu ntibashobora kubikora kuko kwoba ari guhonyanga amategeko.

Iryo kete risoza rivuga ko ku vyerekeye kurekurwa ku bw'ikigongwe, amategeko y'u Rwanda abitegekanya mu gihe uwuregwa abisavye.

Ibindi bisa n’ibi