Ikiganza n'impeta y'abubatse vy'umukerarugendo babisanze mu nda y'ifi

Tiger shark Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abakoze itohoza basanze ukuboko n'impeta y'abubatse vy'uwo mugabo biri mu nda y'ifi y'ubwo tiger shark

Umukerarugendo wo muri Ecosse vyibazwa ko yahitanywe n'igitero c'ifi ya shark nyuma y'aho ikiganza ciwe n'impeta y'abubatse bitorewe mu nda y'ico gikoko.

Uwo mugabo yaherutse kuboneka ari mu mukino wo kwibira kw'izinga rya Reunion rigenzurwa n'Ubufaransa, hafi ya Madagascar mu mpera z'indwi iheze.

Bivugwa ko yari mu karuhuko k'indwi imwe i Saint-Gilles ari kumwe n'umugore wiwe.

Ikiganza ciwe, camenywe n'umugore wiwe, bagisanze munda ya tiger shark yafashwe mu ntumbero y'ubushakashatsi.

Erick Quelquejeu aba hafi y'aho vyabereye yabariye BBC Scotland ko uwo mugabo yasize umugore wiwe akanya gatoyi gusa agiye kwoga.

Image caption Bwana Quelquejeu yabariye BBC Scotland ko ku mucanga hasanzwe hari ivyapa bigabisha abantu ngo ntiboge

Bwana Quelquejeu yagize ati: "Ni agace ko munsi y'amazi gafise agahora gato kajana kure munsi y'ibahari, ariko mu bisanzwe ni ahantu hakingiwe neza."

Yongeyeko ati: "Umugore wiwe yari yagize ubwoba cane kubera ivyabaye. Kajugujugu nyinshi, indege nyinshi, aboga hamwe n'amato vyaragerageje kurondera uwo mugabo mw'ibahari ariko bamaze iminsi bataramutora.

"Bivugwa ko haciye iminsi mike babonye ifi ya shark ifise ukuboko kwiwe mu nda, ariko ntituzi neza na neza ingene vyagenze."

Bwana Quelquejeu yavuze ko inkengero z'ibahari zo mu burengero bw'izinga ziriho ivyapa bigaragara neza, bigabisha abantu kutoga kuko shark zari zimaze kurya abantu. Hari kandi n'ivyapa nk'ivyo ku bibuga vy'indege.

Image caption Iri zinga ryarafashe ingingo zo gukingira abantu ngo ntibaribwe na shark

Yogenyeko ati "Shark zirarya abantu cane kw'izinga rya Reunion kandi turamenyereye ingene tuvyitwaramwo.

"Ni ikintu tutanyegeza umuntu n'umwe. Ahantu hose kuri iri zinga udashobora kwoga, hari ivyapa ku mucanga bigabisha abantu.

"Vyongeye hari n'amato mato mato agira amarondo mu gice c'uburengero bw'izinga - kuko niho ibibanza vy'umucanga vyose biri - akingira abantu, kurereka ngo ntihagira uwukora iryo kosa."

Iyo fi yari muri nyinshi zafashwe ku wa mbere no ku wa kabiri mw'ibahari Indiana, zifatwa nikigo Centre de Securite Requin (CSR).

Bayisanze ku birometero 7 uvuye mu kibanza uwo mugabo yabonywemwo ubwanyuma. Iyo fi yasuzumwe ku wa gatatu mu gitondo.

Ntibiramenyekana niba uwo mugabo yarasomye nturi akaza kuribwa na shark, canke niba yaramuteye.

Umuvugizi w'ubushinkiranganji bw'imigenderanire n'amakungu yagize ati: "Turiko turafasha umuryango w'umugabo w'Umwongereza yapfuye yari mu mukino wo kwibira i La Reunion kandi turiko turavugana n'abajejwe intwaro baho."

I Reunion, izinga riri mw'ibahari Indiana, uno mwaka abantu babiri baramaze gusigayo ubuzima mu bitero vya shark.

Ibindi bisa n’ibi