Grace Millane wapfuye ari mu mibonano mpuzabitsina, bavuga ko 'yari impanuka'

Grace Millane yapfuye ku wa 01 z'ukwezi kwa 12 umwaka uheze, mw'ijoro buca ahimbaza isabukuru y'imyapa 22 y'amavuko Uwufise ububasha kw’isanamu REX/SHUTTERSTOCK
Image caption Grace Millane yapfuye ku wa 01 z'ukwezi kwa 12 umwaka uheze, mw'ijoro buca ahimbaza isabukuru y'imyapa 22 y'amavuko

Sentare yabwiwe ko ingenzi 'umwongereza yapfuye mu gihe yari mu mibonano mpuzabitsina "yagiye kuvamwo akaga" byabaye nk'impanuka.

Grace Millane yapfuye ku wa 01 z'ukwezi kwa 12 umwaka uheze, mw'ijoro buca ahimbaza isabukuru y'imyapa 22 y'amavuko, mu gihe yari mu rugendo mu gisagara ca Auckland, muri Nouvelle-Zélande.

Umugabo w'imyaka 27 yagirizwa urwo rupfu, izina ryiwe ridatangazwa hano ku mvo z'umutekano, arahakana ivyo yagirizwa ko ari we yamwishe.

Abamuburanira babwiye sentare nkuru ya Auckland ko uyo mwigeme Millane yakomoka Essex mu Bwongereza, yapfuye giturumbuka abanje kuraba mu gihe yari muri iyo mibonano mpuzabitsina.

'Si ubwicanyi'

Sentare yamenye ko abo bantu babiri bamenyanye baciye ku rubuga hwaniro rwo kureshanya rwitwa Tinder.

Ron Mansfield aburanira uyo mugabo yabwiye abacamanza ati: "Nimba abo bantu bahuje ibitsina biciye mu mwumvikano mu nyuma bikagenda nabi, ariko ata n'umwe abishatse, ubwo si ubwicanyi".

"Uko niko vyagenze nk'uko uwagirizwa abivuga, kandi impera n'imperuka uko niko muzosanga vyaragenze".

Avuga ko bidahita birashika ko umuntu araba gushika apfe mu mibonano mpuzabitsina yaciye mu mwumvikano.

Ariko ko hari impungenge ko bishobora gushika "iyo bompi barengeje urugero mu kunywa, ata burambe babifisemwo kandi batanaziranye neza".

Uyo mugabo yaremeye ko yaciye atekera ikiziga c'uyo mwigeme mw'isakoshi akaja kugihamba mu misozi iri mu karere ka Waitākere, hanze ya Auckland.

Yabwiye igipolisi ko yatekewe n'ubwoba inyuma y'aho asanze umukunzi wiwe yapfuye.

Bwana Mansfield yabwiye abacamanza ati: "Afise kuba yakoze ivyo atategerezwa gukora, atinya ko ata n'umwe yari kwemera ivyo yari kuvuga".

Abaregwa bavuga ko nyakwigendera atabikomere yari afise, uretse ivyo yagize mu gihe c'imibonano mpuzabitsina, kandi n'ababanyi ntaco bigeze bumva cerekana ko hoba harabaye imishamirano hagati yabo.

Bwana Mansfield yongerako y'uko ata ntumbero afise y'ugushaka kwagiriza canke kwambika ibara umwigeme Millane.

Eka na muganga Fintan Garavan yamupimye avuga ko ata bikomere vyerekana ko hoba harabaye intambara hagati yabo.

Urubanza rurabandanya.

Ibindi bisa n’ibi