Raba ingene abinjira mu mashini ziri kuri intenet bakora ... winjize amadolar menshi

Umusi umwe muci ryo mu 2016, Pranav Hivarekar, akora akazi ko kwinjira muri mudasobwa ziri kuri internet yaronse akazi ko kurondera utunenge turi ku rubuga rwaheruka rwa facebook.
Inyuma y'amasaha umunani gusa, ico kigo gikomeye cane camenyesheje ko kizotanga umwanya ku bakoresha uyo muhora ngurukana bumenyi bakagira ico bavuze cokosorwa bakoresheje amasanamu.
Pranav yaciye atangura kwinjira mu mashine adakurikije amategeko abona ububasha buke buke n'utundi tunenge inkozi z'ikibi zishobora gukoresha zikinjira mu kigo c'urwo rubuga zikongera zikiba amabanga yaco.
Ibi nivyo yamenye: akabanga gafise utunenge dushobora gukoreshwa mu gufuta isanamu iyo ari yo yose iri ku rubuga rwa Facebook.
- Ubutasi kuri telefone: Kuva kuri WhatsApp ni wo muti?
- WhatsApp 'yatewe', ubu iraburira abayikoresha
- Ubusuma bwo kuri internet bwashegeshe Ubudage
Uyo muhindi Pranav afise ububasha bwo kwinjira muri mudasobwa yabwiye BBC ati: ''Nasanze noshobora gukorera kw'ibanga mbere nshaka ngafuta isanamu Mark Zuckerberg yaravye ndabikeneye''.
Yamenyesheje ko ikibanza categekanirijwe abantu ngo bamenyeshe ikigo Facebook ibijanye n'urwo rubuga basanze birimwo agahaze.
Mu kiringo c'indwi 2 ico kigo camuhaye agashimye k'amafranga y'amadollar agizwe n'ibitigiri bitanu n'ukuvuga ari hagati y'ibihumbi cumi na mirongo icenda n'icenda y'amadollar.
Abinjira muri za mudasobwa
Abinjira muri za mudasobwa ziri kuri internet bakurikije amategeko barunguka, kandi iki gikorwa kiriko kiraterimbere.
''Abinjira muri za mudasobwa ziri kuri internet bakurikije amategeko bagizwe ahanini n'urwaruka kandi mu bantu 2 kuri 3 muribo, bafise imyaka iri hagati ya 18 na 29'', nk'uko ibigo bibakoresha bivuga.
Baguma barondera ubushimwe ari benshi kubera amashirahamwe menshi atanga ubushimwe ku bantu bafata imigambi yo kurenga ku mategeko ku mbuga ngurukana bumenyi z'abo imbere y'uko bakora ibintu bibi.
Gutora akanenge kari ku rubuga kataratorwa biba gake cane kandi bishobora kurihirwa amadollar aharurwa mu bihumbi amajana- ariko bikabura ababifitiye ubumenyi biciye mu mategeko canke abagerageza gukoresha ubumenyi bwabo bakinjira muri mudasobwa ziri kuri internet bariko bararondera ku bimenya.
''Udushimwe nitwo nkuramwo amafranga ambeshaho'' niko Shivam Vashisht, uwukora akazi ko kwinjira muri za mudasobwa ziri kuri internet wo mu buraruko bw'u Buhindi yinjije amadollar arenga ibihumbi 125 mu mwaka uheze.
Yagize ati:''Ndinjira muri za mudasobwa biciye mu mategeko mu mashirahamwe akomeye cane kw'isi , hanyuma nkabihemberwa, ni igikora kitoroshe ariko kiryoshe gukora''.
''Ni urubuga rudasaba ko werekana ivyo wize canke uburambe mu kazi mu kugira utere imbere'', niko Shivam. Nk'uko n'abandi bavuga, amenyesha ko ubu buhinga yabukuye mu vyo yasomye ku mbuga ngurukana bumenyi.
''Namaze amajoro ntasinzira ndiko ndarondera ingene nomenya kwinjira muri za mudasobwa ziri kuri internet hamwe n'ingene bikora. Mbere narahagaritse amashule yanje ya kaminuza ngeze mu mwaka wa kabiri''.
Ubu yarahagaritse umwete wiwe mwinshi yarafise wo kurondera utunenge turi mu mabanga yo muri za mudasobwa ziri kuri internet co kimwe n'umunyamerika Jesse Kinser, aca akora akandi kazi kinjiza amafranga menshi.
Mw'ibaruwa ryiwe yanditse ati: ''Nahagaritse kwinjira muri za mudasobwa niga muri college igihe natangura gukora ubushakashatsi ku matefone ngendanwa hamwe no gusigura inyandiko zandikwa mu buhinga n'amamashini''.
Mugihe nariko ndakora umugambi umwe, narabonye uburyo bwo gushira mu mashini integuro yonona imashini zo mu bwoko bwa Android kandi ntihagire uwukumenya.
Amafranga menshi
Abahinga bamenyesha ko integuro y'amafranga menshi atangwa nk'agashimwe ifise uruhara runini mu gutuma abantu babikunda cane.
Terry Ray, umuyobozi w'ubuhinga mu gisata kijejwe ububitsi bw'amabanga ajanye n'umutekano w'imashini ziri kuri internet mu kigo Imperva, avuga ati:
''Iyi migambi itanga akaryo gasubirira ugucungera amamashini ari ku internet hakurikijwe amategeko ku mashirahamwe canke abantu bakeneye gukingirwa ku bikorwa bijajanye no kwinjira muri za mudasobwa ziri kuri internet , canke abadandaza amabanga ari muri za mudasobwa ziri kuri internet bidakurikije amategeko''.
Mu 2018, abinjira muri za mudasobwa bo muri Amerika n'Ubuhindi baremeje ko aribo bagabuye menshi mu yagize udushimwe kw'isi yose , nk'uko bimenyeshwa n'ikigo kijejwe umutekano w'ibibera kuri internet, bita Hacker One.
Bamwe muribo binjije amadollare arenga ibihumbi 350 ku mwaka.
Sandeep Singh , azwi cane nk'uwukunda cane kuja gucukumbura muri za muzasobwa kw'isi, avuga ko ari igikorwa kigoye cane.
Yagize ati ''vyantwaye amezi 6 n'ukurungika inyandiko 54 mu kugira ntsindire raporo ya mbere y'agashimwe .
Intambwe ku mutekano wo kuri internet
Ibigo bikomeye nka Hacker One, Bug Crowd, Synack n'ibindi vyategekanije imigambi yo gutanga udushimwe ku mashirahamwe mbere n'amaleta.
Harategekanijwe ibibanza vyo ku mbuga ngurukana bumenyi vyategekanijwe vyo gushikiririzako intambamyi zokwononera imihora ngurukana bumenyi, ariko udushimwe turiko turatera imbere nk'intambwe zisanzwe zo gukomeza umutekano wa kira shirahamawe.
Ibigo bitandukanye biratahura impungenge zijanye no kudashobora kwikingira, bigatuma hashobora kuba ibitero biciye muri zamudasobwa canke hakibwa inyandiko, bikaguma bihomba canke bigatakaza agateka.
Muri iyi myaka ya vuba, ukurenga ku mategeko agenga internet biduga kurenga 80% buri mwaka, ariko hariho abafise ubuhinga bujanye no kwubahiriza umutekano kuri internet nk'uko bimenyeshwa n'ikigo kijejwe umutekano wo kuri internet bita Synack.