Uwahoze ari umuhuza w'Abarundi Sheikh Mohamed Rukara yaryamiye ukuboko kw'abagabo

Mohamed Rukara yabaye Ombudsman kuva 2011 gushika 2016 Uwufise ububasha kw’isanamu Iwacu.burundi.org
Image caption Mohamed Rukara yabaye Ombudsman kuva 2011 gushika 2016

Umushingamateka Sheikh Mohamed Rukara yahoze ari umuhuza w'Abarundi yaraye aryamiye ukuboko kw'abagabo.

Uyo mu nyapolitike yahoze ari umunywanyi akomeye w'umugambwe CNDD-FDD yapfiriye i Bruxelles mu gihugu c'u Bubirigi.

Aciye ku rubuga rwiwe rwa Twitter, umukuru w'igihugu Petero Nkurunziza abuva ko Abarundi bazokwama iragi ry'urukundo n'ubumwe "vyamye bimuranga.

Urupfu rwiwe ruravugwa cane ku mbuga hwaniro cane cane Twitter, aho abatari bake bamenyesha ko bababaye, banashimagiza ivyo yakoze.

Selemani Bonke ati: "…ndamwibuka igihe yavuga ati 'Ujinga ni mzigo' (bivuga mu Kirundi ngo ubujuju ni umuzigo)".

Bwana Rukara yavutse mu mwaka wa 1955, akaba yari mu banywanyi bakomeye b'umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, yigeze kuba no mu nama y'inararibonye zawo.

Azwi ko yize amashure mu gihugu ca Arabia Saoudite, akaba yarabaye mu bihugu vya Costa Rica hamwe na Tanzania.

Yaranakoze kw'iradiyo y'igihugu, aho yashikiriza amakuru mu rurimi rw'igi Swahili akaba ariwe yashinze radiyo na televiziyo Salama.

Umuhisi Rukara yatowe mu mwaka wa 2010 kuba umuhuza w'Abarundi, ico gihe akaba yari umusenateri, aho yaciye atangura ayo mabanga mu ntango za 2011.

Igikorwa ciwe nticari coroshe. Mu kwezi kwa gatanu 2012, amaze umwaka umwe urenga atanguye amabanga, yatangaje ko hari akarwi k'abantu bashaka kumugandagura, aho umuvugizi wiwe ico gihe, Jerome Ndiho, yavuze ko kari akarwi k'abiba ikigega c'igihugu.

Umuhisi Rukara yagiye kurangiza amabanga yiwe nk'umuhuza w'Abarundi mu kwezi kwa cumi na rimwe umwaka wa 2016, akaba yasubiriwe na Edouard Nduwimana yahoze ari umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu.

Ibindi bisa n’ibi