Robert Mugabe ntiyanditse uko yaraze ubutunzi bwiwe

Robert Mugabe Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Robert Gabriel Mugabe yashengeye ku myaka 95 , atwaye Zimbabwe imyaka 37

Robert Mugabe yahoze ari perezida wa Zimbabwe, aherutse kwitaba Imana afise miriyoni icumi kuri konte n'ayandi matungo, ariko nta murage yanditse nk'uko bitangazwa n'ikigo c'itangazamakuru ca leta.

Amatungo ya Robert Mugabe arimwo imodokari icumi n'ibibanza vy'ubutaka indwi.

Muri ivyo vyanditswe bizwi n'amategeko, ibibanza vyanyazwe mu gihe co kugaruza ubutaka bwari mu minwe y'abazungu ntibirimwo.

Muri ayo matungo ya Mugabe harimwo kandi n'uruganda rw'amata n'ibiyakomokako.

Hari hashize imyaka havugwa vyinshi ku butunzi bwa Mugabe, binuganugwa ko yari afise ingoro muri Ecosse, n'ubundi butunzi muri Aziya buciye miriyoni z'ama dorari.

Ariko igitangaje kuruta vyose ni ukubona ata rwandiko rw'umurage yasize.

Ikigo c'itangazamakuru ca leta kimenyesha ko ari ngombwa kugena umuntu azogabanganya ubutunzi bwasizwe na Mugabe hagati y'umugore wiwe Grace n'abana babo.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Nta murage Mugabe yanditse, yasize inyuma yiwe miriyoni z'amadorari n'iyibdi mitungo

Mugabe yatwaye Zimbabwe imyaka 37 imbere yo gukurwa ku butegetsi n'igisirikare mu 2017.

Yashengeye mu kwezi kw'icenda uyu mwaka wa 2019, afise imyaka 95, aho yaguye muri Singapour ari kwivuza kanseri ifata udusaho tw'intanga (prostate cancer).