Amerika yari yashize Wakanda ku rutonde rw'ibihugu bagirana urudandaza

Lupita Nyong'o na Letitia Wright muri Black Panther Uwufise ububasha kw’isanamu Marvel/Disney
Image caption Wakanda ni igihugu c'igihimbano ciswe ico muri Afrika y'ubuseruko mw'ireresi Black Panther

Ikigo ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika kijejwe iterambere mu burimyi, USDA, cashize Wakanda ku rutonde rw'ibihugu bakorana urudandaza kandi ari gihigu kitabaho.

Umuvugizi wa USDA yavuzeko Ubwami bwa Wakanda bwashizwe kuri urwo rutonde ku kwihenda mw'igerageza abakozi bariko barakora.

Urubuga internet rw'ico kigo rwerekana ibiciro, rwatondekanije neza ibidandazwa ibihugu vyombi bihanahana harimwo imbata, indogobe hamwe n'ibikomoka ku nka.

Muri Marvel universe, Wakanda ni igihugu c'igihimbano ciswe ico mu buseruko bwa Afrika c'intwari izwi kw'izina rya Black Panther (urusamagwe rwirabura).

Ico gihugu c'igihimbano caciye gikurwa kuri urwo rutonde vuba nyuma y'aho ibinyamakuru vyo muri Amerika bibarije ivyo ari vyo, haduka inkuru zo gutwenza zivuga ko ibihugu vyombi vyatanguye kugirana urudandaza (ubucuruzi).

Wakanda yavuzwe ubwa mbere mu gitabo c'abana Fantastic Four mu 1966, isubira kuvugwa igihe Black Panther yakinwamwo filime yatwaye udushimwe twa Oscar mu mwaka uheze.

Igikorwa kidasanzwe co gushira Wakanda kuri urwo rutonde cabonywe na Francis Tseng, umuhinga mu vya computer aba i New York yariko ararondera ibiciro vy'ibiterwa mu bijanye n'ishure yariko arasabamwo ikibanza.

Uwufise ububasha kw’isanamu Francis Tseng Twitter

Yabariye ibiro ntaramakuru Reuters ko, igihe yabona ubwa mbere Wakanda kuri urwo rutonde, "yacanganikiwe cane": "Nibajije niba noba naribagiye igihugu nabonye muri iyo filime, nkacitiranya n'ikindi kintu."

Ico gihugu c'igihimbano kimaze gukurwa kuri urwo rutonde, umuvugizi wa USDA yabariye ikinyamakuru Washington Post ko Wakanda yashizwe ku rutonde mw'igerageza ryagizwe n'abakozi, ngo kandi iryo gerageza ntiryategerezwa gushirwa ahabona.

Yagize ati: "Amakuru kuri Wakanda yagomba kuba yakuwemwo nyuma y'igerageza kandi ubu yamaze gukurwamwo."

Nyuma yo kuyakurako, umunyamakuru ari Orlando yabajije ati: "Mbe none, turakorana urudandaza na Walanda canke? Ikindi naco, ibintu bigeze hehe mu biganiro na Agrabah?"

Ubu si ubwa mbere igihugu c'igihimbano gifashwe nk'igihugu c'ukuri kibaho.

Mu 2017, uwari umushikiranganji w'imigenderanire wa Pologne ico gihe Witold Waszczykowski yabariye abanyamakuru ko yabonanye n'abaserukiye ibihugu bimwe ngo baganire ku kuntu Pologne yokwinjira mu mugwi w'umutekano w'ishirahamwe mpuzmakungu ONU, "ibihugu nka Belize na San Escobar".

Mu gihe Belize yoyo ibaho, San Ecobar ntibaho.

Ahandi naho vyarashitse abategetsi bagakuraho ibihugu kandi mu bisanzwe bibaho.

Mu 2004, nk'akarorero, igicapo c'imbere ku gitabo cerekana uko ishirahamwe rya buraya, EU, ritunganijwe, cariko ikarata y'ibihugu vy'ibinyamuryango vya EU, harimwo urunani rw'Ubwongereza. Ariko Wales yari yazimanganye.

Ibindi kuri iyi nkuru