Icigwa muri Amerika casanze ivyuma vy'umutekano bitahura isura y'umuntu "bidakora neza ku birabura"

Isura y'umugabo iriko irasuzumwa n'ivyuma bitahura isura Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ivyuma bikoreshwa mu kumenya isura y'umuntu bigenda birakoreshwa cane n'ibipolisi

Icigwa ca leta ya Amerika kivuga ko ubuhinga bukoreshwa mu kumenya amasura y'abantu budakora neza ku masura y'Abirabura hamwe n'abanye Aziya nk'uko bukora ku bazungu.

Abogore b'abirabura bobo ngo biranasumvya kuko ubwo bihinga bubitiranya cane kurusha uko vyibazwa.

Bituma haza ayandi makenga hibazwa niba koko ubu buhinga bwari bukwiye gukoreshwa n'inzego zijejwe umutekano.

Umwe mu batabushima yavuze ko ibi vyigaragaje biteye ubwoba.

Ikigo ca Amerika kigenzura uburiziranenge mu buhinga (National Institute of Standard and Technology) capimye uburyo 189 bwahinguwe n'ibigo 99, harimwo Intel, Microsoft, Toshiba hamwe n'ibigo vy'abashinwa Tencent na DiDi Chuxing.

Kugereranya isura n'iyindi

Ikigo Amazon - kidandaza ubuhinga bwaco bwitwa Rekognition ku gipolisi ca Amerika - nicabutanze ngo bugeragezwe.

Iki kigo gikomeye c'ubudandaji carigeze kuvuga ko icigwa cakozwe na Massachusetts Institute of Technology "kibesha". Ico cigwa cavuze ko Rekognition yavyifashemwo nabi cane hageze ko isabwa gutahura isura z'abagore b'imibiri yirabura.

Iyo ari ugusanisha ifoto n'iyindi zose z'umuntu umwe - bizwi nka one-to-one matching - bwinshi mu buryo bwageragejwe bwatanze inyishu zitari zo ku masura y'abirabura hamwe n'abanye Aziya, ku rugero rwa cumi kw'100 kurusha ku bazungu nk'uko icegeranyo kivuga.

Kandi abagore b'abirabura bobo vyarunyuka iyo hakoreshwa ubwo buryo bwa one-to-one macthing, bugereranya ifoto imwe n'ayandi mafoto menshi aba abitswe muri computer.

Umushingamateka Bennie Thompson, umuruku w'umugwi w'inama nshingamateka ujejwe ivy'umutekano wo hagati mu gihugu, yabariye Reuters ati: "Ubuyobozi butegerezwa gushira ahabona umugambi wabwo ku buhinga bwo gutahura amasura mu gihe bimaze kuboneka ko hari agahaze."

Ibipimo mu cigwa ca Nist vyasuzumwe ku bwoko bubiri bw'amakosa:

  • inyishu y'ugusa atari vyo, aho computer yihenda ikerekana ko amafoto y'abantu babiri batandukanye ari ay'umuntu umwe
  • inyushu y'ukudasa atari vyo, aho computer inanirwa gusanisha amafoto abiri y'umuntu umwe

Computer yakoresheje amafoto ari mu bubiko bwayo yatanzwe n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati, urwego rw'umutekano wo hagati mu gihugu hamwe n'igipolisi ca FBI, ata foto n'imwe ivuye ku mbuga hwaniro canke muri za kamera z'umutekano.

Patrick Grother, umuhinga mu vya computer wa Nist akaba ari nawe yanditse icegeranyo agira ati: "Naho kenshi biba atari vyo kugira ico ushikiriza ufatiye ku bipimo vyose, twabonye ibimenyetso simusiga vyerekana ko hari itandukaniro mu migwi y'abantu ku bipimo vyinshi vyakoreshejwe mu gutahura amasura y'abantu."

Kimwe mu bigo vy'Abashinwa, SenseTime, basanze ibipimo vyaco bidatanga ukuri, cavuze ko vyatewe n'"agakosa" kari kabaye kandi ko ubu kakosowe.

Umuvugizi yabwiye BBC ati: "Ivyagaragaye ntibisigura ko ari ko ubuhinga bwacu bumeze, kuko turabugerageza bimwe bikomeye imbere y'uko bushirwa kw'isoko. Nico gituma ivyo twashize kw'isoko vyo vyerekana urwego rwo hejuru rwo gutanga ukuri."

Imiji myinshi yo muri Amerika, harimwo San Francisco na Oakland muri California hamwe na Somerville, Massachusetts, yarabujije gukoresha ubuhinga bwo gutahura amasura y'abantu.

Ibindi kuri iyi nkuru