Umunyarwanda Fabien Neretse yakatiwe na sentare mu Bubirigi gupfungwa imyaka 25 kubera genoside

Fabien Neretse Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Fabien Neretse niwe wa mbere ahamijwe na sentare yo mu Bubirigi icaha ca jenoside yo mu Rwanda

Sentare mu Bubirigi yakatiye uwahoze ari umuyobozi mu Rwanda igipfungo c'imyaka 25 nyuma yo guhamwa n'icaha ca jenoside yo mu Rwanda mu 1994.

Bwana Neretse w'imyaka mirongo indwi n'umwe y'amavuko yafatiwe mu Bufaransa mu 2011.

Mu kuburanywa kwiwe kwose ntiyigeze yemera ivyagiriji na bimwe mu vyashikirijwe vyose n'ubushinjacaha.

Yahamwe kandi n'ivyaha vyo mu ntambara bijanye n'ubwicanyi bw'abantu cumi n'umwe mu gihe c'intambara mu Rwanda.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umwunganizi wa Bwana Neretse yavuze ko ku myaka yiwe, igihano yahawe ari nk'urupfu ruje buke buke

Umwunganizi wa Bwana Neretse yabariye sentare ko umuntu w'umwere adashobora kwemera ivyaha.

Yavuze kandi ko kubera imyaka yiwe, iki gihano yakatiwe gisa nk'urupfu ruje buke buke kandi rubi cane.

Ububirigi buramaze guhamya abandi bantu umunani ivyaha vyo kwica vyakorewe mu gihugu bwahoze bukoronije, ariko Neretse niwe wa mbere ahamijwe jenoside.

Ibindi kuri iyi nkuru